Bujumbura: Ni ibiki vyabaye i Mukike ku wa gatanu?

Mukike

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Ku mugobora w'ijoro ku wa gatanu, amajwi yahanahanywe ku mbuga hwaniro, yari ayo abanyagihugu bo ku mutumba Ndayi ya zone Bikanka, muri komine Mukike y'intara ya Bujumbura.

Muri ayo majwi, abanyagihugu batabaza inzego z'umutekano ko zobatabara, bakavuga ko bari batewe n'akarwi kiwaje ibirwanisho katazwi.

Ibinyamakuru bikorera mu Burundi bitangaza ko hari abapfuye, abandi barakomeretswa, abandi nabo baranyuruzwa n'ako karwi.

Ikinyamakuru Iwacu kimenyesha ko abantu babiri bishwe n'ako karwi katamenyekanye, abandi batatu barakomereka.

Abanyagihugu babwiye Iwacu ko ako karwi kanyuruje abantu bashika icumi.

Ako karwi kavugwa ko imbere y'uko ico gitero kiba ako karwi koba karibonekeje kari kwivuna akanyota mu kirabu kimwe mu biri kuri uwo mutumba wa Ndayi.

Ejo ku wa gatandatu, musitanteri wa komine Mukike yaciye akoresha inama y'umutekano abanyagihugu, aho yabagabishije ko bitumvikana igituma batatanze amakuru y'ako karwi, abahanura ko botanga amakuru iyo hagize ico bikeka.

BBC yashatse kumenya ako karwi ako ari ko be n'ingene ibintu vyifashe ubu, ariko musitanteri wa komine Mukike Frédéric Manirakiza yaturungitse ku muvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, iterambere ry'amakomine n'umutekano, uyu nawe akaba atashatse kugira ico atubwiye.

Ibi bibaye inyuma y'iminsi mike habaye igitero c'abitwaje ibirwanisho muri komine Bugarama y'intara ya Rumonge, igitero ciyitiriye umuhari Red-Tabara, ariko abategetsi b'iyo ntara bakamirira kure ibivugwa n'uyo murwi ko ufise ibirindiro muri iyo ntara.