Ibirato birebire n'inzara ndende birabujijwe mu biro vya leta muri Tanzania

Aya mabwirizwa ngenderwaho ku bakozi ba Leta mu 2020 ari mu ngiro kuva muri uku kwezi kw'indwi
Insiguro y'isanamu, Aya mabwirizwa ngenderwaho ku bakozi ba Leta mu 2020 ari mu ngiro kuva muri uku kwezi kw'indwi
Yatangajwe

Abategetsi muri Tanzaniya basohoye amabwirizwa ndengerwako mashasha ajanye n'inyambaro hamwe no kwitunganya ku bakozi ba Leta.

Ayo mabwiriza mashasha abuza kwambara ibirato bisongoye mu biro vya leta canke mu bikorwa vya leta ivyo ari vyo vyose ku bakozi ba leta, cane cane ibirato birenza santimetero zitanu.

Nayo ku vyerekeye inzara, abakozi ba Leta bose mu gihugu ubu ntibemerewe kugira inzara ndende, baba abagabo canke abagore.

Ariko kandi n'abagore bakunda gusiga inzara zabo ntibemerewe kuvanga amabara nk'uko bamwe mu bagore bakunze kubigira.

Eka n'ikibazo c'imishatsi naco nyene nticasigaye inyuma, baba abagore canke abagabo basanzwe ari abakozi ba leta, kirazira ko bayisiga amabara canke ngo bimweshe mu buryo butabereye.

Nk'uko ayo mabwirizwa ngenderwaho ku bakozi ba Leta mu 2020 abitegeka, bikanasigurwa n'ikinyamakuru ca leta Habari Leo, izi mpinduka zatanguye ku mugaragaro kuva muri uku kwezi kw'indwi.