Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coronavirus - Burundi: Leta imenyesha ko hari abandi batanu basanzemwo uwo mugera
Itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu n'ukurwanya SIDA uyu munsi kuwa kabiri, rivuga ko abo bantu batanu bari mu bantu 198 bapimwe kubera bazwi ko bari bamaranye umwanya n'abandi batanu baherutse gutorwa uwo mugera.
Gushika ubu, abashika 11 nibo bamaze kumenyekana ko banduye uwo mugera kuva umuntu wa mbere atowe ko yanduye muri ico gihugu.
Mw'iryo tangazo, ubwo bushikiranganji bumenyeshako babandanya bakurikirana « abantu bamaranye umwanya munini n'abo barwayi bashasha batowe coronavirus mu ntumbero yo kumenya abandi boba baranduye ».
Hagati aho, ubwo bushikiranganji ntibutanga umwidondoro w'abo bantu bashasha banduye Covid-19.
Busaba abanyagihugu kubandanya bakurikiza impanuro zo kwikingira no gukingira abandi uwomugera.
Ibiro vy'ubwo bushikiranganji bivuga ko bane muri ba barwayi batanu ba mbere batangura gufatwa n'uwomugera bapimwe ku magenekerezo ya 18 na 19 z'uku kwa kane bagasanga nta migera bagifise, bakaba bahawe uruhusha rwogusubira mu miryango yabo kuri uyu wa 21/04.
Umugera wa coronavirus watanguye kumenyekana ko winjiye mu Burundi ku wa 31 z'ukwezi kwa gatatu guheze.
Gushika ubu mu Burundi nta mategeko abuza abantu gusohoka arafatwa nk'uko biri mu bimwe cyo mu karere, kiretse gusa kubaha impanuro zo kugira isuku.
Eka n'amashure n'abasengero arabandanya ibikorwa vyayo ukuri kwamye.
Ingendo z'indege zunguruza ingenzi nizo zahagaritswe, imbibe nazo zikaba zugaye ku ruja n'uruza rusanzwe.
Gushika ubu Afrika niyo irangwamwo abanduye coronavirus bake ugereranije n'iyindi migabane, ariko hakaba ubwoba ko mu minsi uyu mugabane ushobora kuba ikiririmbiro rishasha ry'uwu mugera.