Umukuru w'inama nshingamateka ya EAC, Martin Ngoga, ngo 'ntiyaburiwe irengero' nk'uko binugwanugwa
Photo ©Ikiriho.bi
Inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko (EALA) ivuga ko umukuru wayo Martin Ngoga "ataburiwe irengero" nk'uko bivugwa ku mbuga hwaniro.
Vyatanguye kunugwanugwa ko bwana Ngoga yoba yaburiwe irengero igihe haba umuhango wo kumusubiriza vy'agateganyo ku munsi wa mbere.
Vyavugwa ko Martin Ngoga yoba yaranyurujwe mu gihe ata makuru y'aho yoba ari yari ahari.
BBC Gahuzamiryango yashatse kumenya uko vyifashe, ica ivugana n'umukuru mfatakibanza w'iyo nama nshingamateka, Leontine Nzeyimana.
Madamu Nzeyimana yatowe ngo azosubirire vy'agateganyo bwa Ngoga mu kiringo c'iminsi itatu ngo "kuko asanzwe ari mu karuhuko".
Leontine Nzeyimana yavuganye na Prudent Nsengiyumva wa BBC Gahuzamiryango (mu kiganiro ushobora kwumva aho hejuru), abanza kumubwira ko umukuru wa EALA yafatiriwe n'ibindi bikorwa.