Umukuru w'igihugu Buhari yatumye Anthony Joshua "yavura"

Ahavuye isanamu, Tolu Ogunlesi
Anthony Joshua yafotowe aryamye imbere y'umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari, nk'ikimenyetso co kwicisha bugufi imbere y'iwe mu muji wa London.
Joshua ava ku bavyeyi bamuka muri Nigeria yabariye abari aho ko azoshigikira igihugu ca Nigeria ahantu hose bizoba bikenewe.
Ayo mafoto yakurikiwe n'inyishu zitandukanye ku mbuga hwaniro, aho abidogera Bwana Buhari bashavujwe n'uko Joshua atavugiye ku mugaragaro ibibazo urwaruka rwo muri Nigeria rubona.
Joshua yavuze ku rubuga hwaniro kuri iyo nkuru ati:'' Si ibijanye na politike. Ni ibijanye n'imigenzo hamwe n'ukubaha abadukurira''.
Abandi ariko banezerewe no kubona yaguye munda abanya Nigeria yamukamwo, be n'ukwunama imbere ya Buhari - umugenzo uranga ukwubaha umwe wese yereka abantu bakuze.

Ahavuye isanamu, Tolu Ogunlesi
Prezida Buhari yari i Londres mu nama y'abakuru b'ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika n'Ubwongereza yerekeye imitahe iriko iraba kuva italiki 20 z'uku kwezi kwa mbere.
Amasanamu yafashwe imbere y'iyo nama ku mugwa mukuru w'Ubwonegereza yahavuye ashirwa ku rubuga rwa You tube n'amaradiyo yo muri Nigeria.
Umwe mu bagendanira umukuru w'igihugu Buhari, Tolu Ogunlesi yashize ku rubuga rwa Twitter amafoto yongera yandika ati: ''AJ!!! uyu musi turi i Londres kumwe n'umukuru w'igihugu''.











