Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Miliyoni z'abaturage zishobora kuva ku murongo wa telephone uyu munsi
Abantu baharugwa mu miliyoni bashobora gukurwa ku mirongo ya amatelefone yabo uyu musi - amakarata simu yabo arahagarikwa.
Ni kimwe mu ngingo Leta yafashe kugira abakoresha amatelefone bose babe biyandikishije gushasha hakoreshejwe amakanda yabo gushika isaha 4 z'ijoro uyu musi.
Tanzaniya ni igihugu co ku mugabane wa Afrika ca vuba naco catanguje uburyo bwo guharura hakurikijwe ubuhinga bwa none buri gukwira hose kuri uyu mu mugabane.
Haraheze indwi nyinshi haboneka imirongo mire mire hanze y'urwego rw'igihugu rujejwe gutanga ikarata ndangamuntu ku bantu baba muri Tanzaniya biciye mu mategeko.
Abo bariko biyandikisha hakoreshejwe uburyo bushasha ... no kugira ntibahagarikwe gukoresha amatelefone yabo.
Mu gihe hasigaye amasaha gusa ngo italiki ntarengwa ishike amakarata simu hafi imiliyoni 20 ntiyandikishije hakurikijwe ubuhinga bushasha.
Benshi baneguye Leta ko itabahaye ikiringo gihagije kugira baheze kwiyandikisha.
Abajejwe iki gikorwa bamenyesheje ko ikiringo cyatanzwe kitunguruzwa nk'uko umumenyeshamakuru wa BBC muri Tanzania abivuga.
Ariko ibigo bikurikirana ibigo bitanga uburyo gukoresha telefone biridogera abanyagihugu ko benshi muribo barindiriye umwanya wanyuma kugira baheze biyandikishe.
Muri Tanzaniya amatefone ntakoreshwa mu guhana makuru gusa. Benshi barayakoresha mu kurungika amafranga co kimwe n'amabanki, bivuga ko kuyugara bifise ingaruka no ku butunzi.
Leta ivugako kwandikisha abakoresha amatelefone bijanye no gukurikirana ivyaha bica kurubuga ngurukana bumenyi.
Ariko ababinegura bavugako bizoha akaryo abayobozi ko kwumviriza mu kinyegero ivyo abanyagihugu bavuga na cane cane mugihe c'amatora.