Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Batandatu bahitanywe no guturika kwa gaze i Kaduna muri Nigeriya
Umukuru w'umugwi ujejwe amwe mu masoko ntanganuvu muri Nigeriya yahitanywe n'uguturika kw'umwuka uzwi nka "butane gas" mu muji wo mu buraruko wa Kaduna.
Profeseri Simon Mallam ari mu bantu batandu bahitanywe n'ukwo guturika, kwabereye ku kaguriro aho abantu benshi bari bakoraniye baje kugura iyo gaze.
Ukwo guturika kwabaye igihe abaguzi bariko baruzuza amacupa ya gaze, benshi muri Nigeriya bakoresha mu guteka.
Hari ubundi buguriro bwafashwe n'umuriro buratokombera igihe iyo gaze yaturika.
Umuvugizi w'ikigo Atomic Energy Commission yabariye BBC ko umukuru w'ico kigo, Profeseri Simon Mallam yafatiwe muri ukwo guturika ari kwa kimyozi hafi y'aho vyabereye ku wa gatandatu.
Ntibiramenyekana icoba cateje ukwo guturika, ariko hari amakuru avuga ko amacupa ya gaze yatanguye gusesa imbere y'uko ukwo guturika kuba.
Amamiriyoni y'abanye Nigeriya bikora kuri gaze y'ubwoko bwa "butane" mu gukinjika kuko umuyagankuba muri ico gihugu uboneka nabi cane.
Ariko kutitaho neza ibijanye n'umutekano wa gaze hamwe n'amategeko ya leta abigenda adateguye neza, bituma kenshi impanuka nk'izo zishika.