Israel: Umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, asaba ubudahangarwa ngo ntakurikiranwe n'ubutungane

Ahavuye isanamu, AFP
Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli Benjamin Netanyahu yafashe ingingo yo gusaba ubudahangarwa buhabwa abashingamateka kugira ngo ntakurikiranwe ku vyaha vy'ukurya igiturire yagirizwa.
Iyo ngingo ishobora kudindiza urubanza gushika habaye amatora mashasha mu kwezi kwa gatatu kuza.
Mu kw'icumi na rimwe guheze, uyo mushikiranganji wa mbere yaragirijwe n'umushikirizamanza mukuru ivyaha vyo kurya ibiturire, magendo n 'ubuhemu.
Bwana Netanyahu arahakana ivyo yagirizwa, akaba akeneye gushigikirwa n'abashingamateka barenga igice c'abo kugira ngo ubwo budahangarwa aburonswe.
None ni kuki asaba ubudahangarwa?
Bwana Netanyahu - uyo mutegetsi amaze igihe kirekire gusumba abandi bose muri ico gihugu - yagirizwa ko yakiriye ubushirukabute ahawe n'abatunzi kugira ngo aborohereze bavugwe neza mu binyamakuru.
Yasavye ubwo budahangarwa mw'ijambo yashikirije kuri televiziyo, hasigaye amasaha ane gusa kugira ngo ikiringo ntarengwa yari yahawe kirangire.
Mu kwa gatatu, azotegerezwa guhiganwa mu yandi matora azoba agize gatatu mu mwaka umwe.
Nta rubanza rushobora kuba mu gihe yamaze gusaba ubudahangarwa kandi Inama Nshingamateka ya Israyeli iboneka ko idashobora gufata ingingo imbere y'ayo matora.
Amategeko ya Israyeli avuga ko kuba umuntu abaye umushingamateka bidaca bimuha ubudahangarwa, ariko ko ashobora kubusaba iyo bikenewe.
Umushikiranganji wa mbere muri Israyeli ashobora gusabwa gutanga imihoho iyo aciriwe urubanza.
Mu matora yabaye mu kwa kane no mu kw'icenda 2019, umugambwe wiwe Likud party hamwe n'umugambwe Blue and White nta n'umwe washoboye kuronka amajwi akwiye yari gushobora kuwemerera gushing leta.
Ibibazo vya Bwana Netanyahu afitaniye n'ubutungane vyamubereye inzitizi zikomeye mu biganiro.
Abandanya avuga ko ivyo yagirizwa ari ihohotera rishingiye ku mvo za politike.
Iyo ngingo yakiriwe gute ?
Ingingo yiwe yateye ishavu ryinshi abanyepolitike ba Israyeli.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukandida w'umugambwe Blue and White, Benny Gantz, asanzwe ahanganye na Bwana Netanyahu kuri ico giti c'umushikiranganji wa mbere, arahiga bikomeye ko azokora ivyo ashobora vyose gushika aburijemwo ubwo budahangarwa.
Ati: "Si nigeze nibaza ko dushobora gushika aho umushikiranganji wa mbere wa Israyeli ashobora kwanka kwitaba ubutungane".
Umukuru w'inama nshingamateka, Yuli Edelstein, asanzwe ava mu mugambwe wa Netanyahu, avuga ko azotegura ibiganiro kuri ico kibazo mu ndwi iza.










