DR Congo: Tshisekedi asaba MONUSCO gufasha igisirikare mu kurwanya inyeshamba

Yatangajwe

Umukuru w'igihugu ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Félix Tshisekedi, atera akamo ingabo za MONUSCO kwifatanya n'ingabo za Congo mu kurwanya inyeshamba muri ico gihugu.

Ako kamo agateye inyuma y'aho abari mu myiyerekano bari bafise uburakari bwinshi batereye ikigo ca MONUSCO mu gisagara ca Beni ku wa mbere.

Kuva mu ntango za kuno kwezi, igisirikare ca Congo gihanganye conyene n'umurwi Allied Democratic Forces, ADF.

François Grignon icegera c'intumwa y'umunyamabanga mukuru wa ONU kijejwe ibikorwa vyo gukingira abantu avuga ko 'ingabo za DR Congo zitigeze zishira MONUSCO mu bikorwa vyo kurwanya ADF".

Yavuze ko izi ngabo zifasha gusa mu bikorwa vy'igendereza be no gufasha abasoda bakomeretse.

Bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi bavuga ko igisirikare ca Congo kitashatse ko ivyerekeye ibitero kuri uyu murwi bikurikiranwa kubera ivyo kivugwako vyo guhohotera agateka ka zina muntu.

Inyuma y'imvururu z'ejo ku wa mbere mu gisagara ca Beni aho abari muri yo bari bashavuriye MONUSCO ko yananiwe n'ukubakingira, ubu Perezida Tshisekedi asaba ugukorera hamwe muri iyo ntambara.

Mu kwezi guheze, ADF yaratakaje abarwanyi batari bake bishwe muri iyo ntambara.

Ivyo vyatumye uyo murwi wirara mu ba sivire n'imipanga, aho wishe hafi umunani muri bo ku munsi wa Mungu, abanyagihugu bashika ku 80 baramaze kwicwa mu ndwi zibiri gusa.