Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuceri watumye Nigeriya ikomeza kwugara imbibe ku bidandazwa
Leta ya Nigeriya yafashe ingingo yo kugumiza imbibe zo ku butaka zugaye ku bidandazwa gushika n'imiburiburi itariki 31 z'ukwa mbere
Izo mbibe zimaze amezi abiri zugawe mu ntumbero ku kurwanya amagendo, cane cane ay'umuceri, ariko iyo ngingo iriko iragira ingaruka ku rudandazwa mu karere.
Ibihugu bibabanyi vya hafi vya Nigeriya ari vyo Benin, Nigeri, Cade na Kameruni - co kimwe na Gana na Togo - vyose vyarakozweko n'ico kibazo.
Ibidandazwa biriko birabora kandi ku rubibe hari imirongo y'amakamyo arindiriye, yizera ko urubibe ruhava rwugururwa, nk'uko umunyamakuru wa BBC Nduka Orjinmo yabivuze mu ndwi iheze.
Joseph Attah, umuvugizi w'ikigo ca Nigeriya kijejwe ivyinjira n'ibisohoka, yabariye ibiro ntara makuru Reuters ko naho uku kwugara urubibe kuzohera itari 31 z'ukwezi kwa mbere, ngo ico kiringo kirashobora kwongerwa.
Iyugarwa ry'izi mbibe riteye kubiri n'amasezerano ku ruja n'uruza rw'ibidandazwa mu mwidegemvyo hagati y'ibihugu 15 bigize ishirahamwe ry'uburengero bwa Afrika, Ecowas.
Ariko gukumira gutumiza hanze ivyo kurya bimwe bimwe hamwe n'ibikoreshwa mu ndimo ntivyemewe n'amategeko.