Imyiyerekano iriko iraba hirya no hino kw'isi mu masanamu

Umugabo yitwaje ibendera rya Chile imbere y'ikiduga kitamenwa n'insoro

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Inkuru ya Kameron Virk
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Newsbeat
  • Yatangajwe

Mu miji hirya no hino kw'isi, abantu barihaye amabarabara.

Ibi ni ibibanza indwi biriko biraberamwo imyigaragamvyo ku rugero rutandukanye - kuva ku ngendo z'amahoro gushika kw'itana mumitwe rikomeye.

Chile

Umugabo ariko arahangana n'ikiduga kitamenwa n'insoro mu myiyerekano muri Chile

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abasirikare n'ibiduga bitamenwa n'insoro bashizwe mu mabarabara ya Chile ku nshuro ya mbere kuva mu 1990, igihe igihugu casubira mu ntwaro ya demokarasi nyuma y'imyaka y'ubutegetsi bw'igitugu ca gisirikare.

Harashizweko amategeko yo mu bihe bidasanzwe ku murwa mukuru Santiago, kuwa gatandatu, nyuma y'aho imyiyerekano yatangujwe n'itegeko, ariko ubu rimaze gufutwa, ryo kuduza igiciro co kwiyunguruza muri metro yadutsemwo akaguma.

Abantu bashika kuri batanu barasize ubuzima mu myiyerekano yo mu mpera z'indwi - nyuma y'aho abariko barasahura batuririye ihinguriro ry'impuzu hamwe n'isoko rya kijambere - hakaba hari hitezwe izindi ngorane kuri uno wa mbere.

Prezida Sebastián Piñera, umukire ruherwa agira ku murongo w'abashima ivya kera, yavuze ko abo bari mu myiyerekano baturiye inganda, bakazibira amabarabara bakanasahura, ari "abagizi ba nabi".

Yagize ati "Turi mu rugamba n'umwansi akomeye atubaha ikintu na kimwe canke umuntu uwo ari we wese, kandi yiteguriye gukoresha inguvu n'ubuguzi bwa nabi butagira izina".

Igituro ca metro catse umuriro i Santiago

Ahavuye isanamu, Reuters

Abari mu myiyerekano i Santiago, Chile

Ahavuye isanamu, Getty Images

Libani

Imyiyerekano hagati mu muji i Beirut

Ahavuye isanamu, Getty Images

Tuve muri Amerika y'ubumanuko tuje mu burasirazuba bwo hagati, aho imyiyerekano yo kwiyamiriza igiturire hamwe no gutubika umukanda muri Libani, itandukiriye umunsi ugira gatanu.

Abantu ibihumbi amajana barihaye amabarabara batwawe n'ishavu kubera amakori mashasha - harimwo rimwe ryerekeye guhamagara kuri WhatsApp hamwe n'ubundi buhinga bwo guhanahana amakuru, akaba yaciye akurwako vuba nyuma yo gutangazwa kuwa kane uheruka.

Gucika kw'umuyagankuba hamwe no kudakusanya imicafu biri mu bindi vyateye ishavu abari mu myiyerekano.

Bisa nk'aho leta y'ubumwe izohava igira ivyo ihindura mu vy'ubutunzi, nko gufuta amakori hamwe no kugabanya imishahara y'abarongozi bo hejuru, mu kugerageza guhagarika imyiyerekano.

Umugore yitwaje icapa mu myiyerekano i Beirut

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abari mu myiyerekano bafasha gusukura i Beirut kuwa mbere nyuma y'imyiyerekano

Ahavuye isanamu, Getty Images

Barcelona

Abari mu myiyerekano bahuriye hagati mu muji wa Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Impera z'indwi zatanguye mu mahoro i Barcelona, abantu 500.000 bahurira mu ngendo zitanu zitandukanye mu muji hagati. Ariko mu nyuma yadutsemwo akaguma bamwe mu biyerekana batera ibintu abapolisi - nabo babasubiza ivyuka bikoroza amarira, insasu za plastike banabamijagira amazi aterwa n'inguvu nyinshi n'ibiduga vyabihariwe.

Ibi vyakurikiye ibihano vy'igifungo vyahawe abanyepolitike icenda bo muri Esipanye, baharanira ukwiyonkora kw'intara ya Cataloniya - akarere Barcelona irimwo - bagashaka gushinga igihugu cigenga.

Gushika kuwa Mungu - umunsi ugira indwi w'iyo myiyerekano - abiyerekana bagandagaje imbere y'ibiro bikuru vy'igipolisi ca Esipanye batsa amatoroshi ya telefone ngendanwa zabo.

Umushikiranganji wa mbere mfatakibanza wa Esipanye, Pedro Sanchez, yaragabishije ko abazoteza akaguma bazohanwa.

Abari mu myiyerekano batera amabuye abapolisi i Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abari mu myiyerekano hanze y'ibiro vy'igipolisi i Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Haiti

Abari mu myiyerekano muri Haiti

Ahavuye isanamu, Getty Images

Iyi myiyerekano ntiyitaweho cane nk'iyibera mu bindi bihugu muri ino minsi, ariko Haiti imaze indwi zitari nkeyi ibamwo imyiyerekano - kandi si ubwa mbere uno mwaka - kubera ibibazo vy'ubutunzi vyugarije iryo zinga ryo muri Caraibe.

Abanye Haiti basaba ko umukuru w'igihugu Jovelnel Moise atanga imihoho, bakavuga ko ari amakosa yiwe kuba ibitoro bibura hamwe n'ukuzimba kw'ubuzima - iyo ubuzima buzimvye, bituma agaciro k'amahera gakoroka.

Umwe mu banyamakuru bakomeye yariko aratangaza amakuru kuri iyo myiyerekano yasanzwe yapfuye mu muduga wiwe bafise ibikomere vy'amasasu ku mubiri, haraciye indwi nkeyi.

Umukuru w'igihugu mu ntango yariyamirije abamusaba gukinjura, avuga ko adashobora gusiga igihugu "mu minwe y'amabandi adandaza urumogi".

Uwuri mu myiyerekano muri Haiti

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abari mu myiyerekano bitwaje indanguramajwi muri Haiti

Ahavuye isanamu, Getty Images

London

Abakiri bato bari mu myiyerekano bafise ivyapa basaba kamarampaka yindi kuri Brexit

Ahavuye isanamu, Getty Images

Iyi myiyerekano yoyo ntibandanya ariko abantu bashika ku muriyoni barihaye amabarabara ya London kuwa gatandatu, nk'uko bivugwa n'abayiteguye, bise "People's Vote march" canke urugendo rw'abanyagihugu basaba itora, basaba ko bogira "ijambo rya nyuma" kuri Brexit.

Abantu bavuye mu mihingo yose y'Ubwongereza baragize urugendo mu kibanza ca Parliament Square, bamwe bakavuga ko ari akaryo ka nyuma ko kwerekana ingene bashashaye guhabwa akaryo ka kabiri ko gutora muri kamarampaka, hakaba haciye amezi atandatu habaye imyiyekano nk'iyi.

Uwujejwe ivy'ubutunzi mu batavuga rumwe na leta, John McDonnel, hamwe n'umukuru w'umugambwe w'aba Demokarate, Jo Swinson, bari mu banyepoltike baje kwifatanya n'abanyagihugu, mu gihe imbere mu nama nshingamateka, abashingamateka bariko baratora ku gusubira kwigiza i nyuma Brexit.

Leta iriko iragerageza uko ishoboye ngo abashingamateka batore ku mugambi w'umushikiranganji wa mbere ku wa mbere, ibintu bitakunze.

Abari mu myiyerekano hanze y'inyubakwa y'inama nshigamateka

Ahavuye isanamu, AFP

Uwuri mu myiyerekano yitwaje icandiko kiriko ifoto ya Jacob Ress-Mogg, kivuga ko aba "Tories ata ruti rw'umugongo bagira"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Belfast

Abaharanira uburenganzira bwo gukuramwo inda bari mu myiyerekano i Belfast

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abanyepolitike muri Irlande yo mu buraruko bari mu nama nshingamateka, Stormont, ku nshuro ya mbere mu myaka ishika itatu nyuma yo guhamagazwa mu kugerageza kwa nyuma ngo hahagarikwe guhindura itegeko rigenga gukuramwo inda.

Irlande yo mu buraruko nta leta yigenga ifise kuva mu kwa mbere 2017 - mu gihe abanyepolitike mu nama nshingamateka y'Ubwongereza ari bo batora amategeko ya nkenerwa mu kibanza ca Irlande y'uburaruko kuva ico gihe.

Itegeko ribwiriza leta kworosha ivyo gukuramwo inda hamwe no gushira mu mategeko kwubakana ku bafise igitsina kimwe ryagomba kuzanwa ejo saa sita z'ijoro - ibintu imigambwe ishigikiye urunani rw'Ubwongereza idakozwa.

Abari mu myiyerekano i Belfast badashaka ko hagira igihinduka mw'itegeko rigenga gukuramwo inda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Hong Kong

Igipolisi carashe ivyuka bikoroza amarira ku bari mu myiyerekano i Hong Kong

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ntushobora kuvuga ku myiyerekano hirya no hino kw'isi utavuze iyibera i Hong Kong - aho abashigikigiye demokarasi bamaze amezi ane mu myiyerekano.

Abajejwe intwari ntibatanze uruhusha ku myiyerekano iheruka, ariko abayiteguye bavuga ko abantu 350.000 bayitavye - ku ruhande rumwe bitewe n'ishavu ry'uko hagabwe igitero ku murongozi wabo, Jimmy Sham, mu ndwi iheze akinjira ibitaro.

Akagwi kagizwe n'intagondwa z'abari mu myiyerekano kateye amacupa arimwo ibitoro ku biro vy'abapolisi, ariko imyiyerekano yose yo ku wa Mungu si uko yagenze.

Umwe mu bari mu myiyerekano yabwiye BBC ati "Ubu leta iriko iranka kwemera ko haba imyiyerekano iyo ari yo yose iba mu mutekano. Bisigura ko uwuza wese mw'ibarabara aza kuba arenze ku mategeko. Niyo mayeri leta ya Hong Kong iriko irakoresha."

Umurongozi wa Hong Kong, Carrie Lam, yasavye ko iyo myiyerekano ihagarara aho yari mu nama nshingamateka mu ndwi iheze.

Uwuri mu myiyerekano atera icupa ririmwo ibitoro i Hong Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abari mu myiyerekano bitwaje imitaka i Hong Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images