Kwibaruka umuvyeyi abanje gukorwa 'akenshi ni yo nzira nziza' ku bakozwe muri kahise

Yatangajwe

Ubushakashatsi bushasha bwerekana ko ukwibaruka babanje gukorwa (cyangwa kubagwa mu Kinyarwanda) bavyiteguriye bushobora kuba ari bwo buryo bwiza ku bagore baba bari bamaze gukorwa muri kahise.

Kuri abo bavyeyi, ukugerageza kwibaruka mu buryo busanzwe vyabonetse ko bifise ingaruka atari nziza ugereranije n'ukwibaruka babanje gukorwa ('césarienne'), nkuko biri muri ubu bushakashatsi bwatangajwe mu kimenyeshamakuru c'ubushakashatsi mu vy'ubuvuzi, PLOS Medicine.

Abahinga bavuga ko vyiza ari uguhitishamwo igihe bishoboka - umuvyeyi agahitamwo kwibaruka mu nzira zisanzwe, canke akabanza gukorwa.

Iperereza riherutse gukorwa n'ikiganiro Victoria Derbyshire ca BBC, rirerekana ko ivyo bidahuta birashika, kuko abavyeyi benshi basaba ko babanza gukorwa ariko ntibavyemererwe.

None ni ryari umukenyezi yibaruka abanje gukorwa?

Umukenyezi kwibaruka abanje gukorwa akenshi biba igihe habaye ingorane, canke iyo bibonetse ko hashobora kuba ingorane mu gihe yogerageza kwibaruka mu nzira zisanzwe. Hagati aho, hariho n'abavyisabira.

Mu gihugu c'Ubwongereza, abagore barenga ica kane bibaruka babanje gukorwa. Muri abo, igice cabo ni mu gihe haba habaye ingorane, ikindi gice naco ni abagore bavyihitiramwo canke baba babiteguye.

None ni ubuhe buryo bwiza?

Muri rusangi, ukwibaruka ntibishobora kubura ingaruka mbi, haba igihe bibaye mu nzira zisanzwe, canke umuvyeyi abanje gukorwa.

Ubwo bushakashatsi bwakorewe mu gihugu ca Écosse (Scotland) bwagereranije ingaruka ziba iyo ku ruhande rumwe, umuvyeyi yibarutse akozwe yavyisabiye canke bisanzwe biteguye, ku rundi ruhande, umuvyeyi yibarutse mu buryo busanzwe yarigeze kwibaruka abanje gukorwa muri kahise.

Ubwo bushakashatsi bwasanze :

  • Abagore 45,579 bibarutse babanje gukorwa hanyuma abandi 28,464 bakaba bagerageje kwibaruka mu nzira zisanzwe
  • Ibice 28.4% vy'abo bashatse kwibaruka mu nzira zisanzwe vyabaye ngombwa ko bakorwa kubera ibibazo bagize
  • Abagore bagerageje kwibaruka mu nzira zisanzwe vyabonetse ko bari kugira ingorane zikomeye cane mu gihe c'ukwibaruka canke inyuma y'ukwibaruka, ugereranije n'uko bari guhitamwo gukorwa
  • Ibice 1.8% vy'abo bagerageje kwibaruka mu nzira zisanzwe, n'ibice 0.8% vy'abahisemwo kwibaruka babanje gukorwa bahuye n'ibibazo bikomeye cane, nk'igitereko kigatabuka, kuva amaraso menshi canke akahandurira n'imigera

Nk'uko ikigo c'abahinga mu vyerekeye irondoka co mu Bwongereza (Royal College of Obstetricians and Gynaecologists) kibivuga, ni vyiza ko buri gihe abagore bohitishwamwo uburyo bwo kwibaruka butobateza ingorane.

Muri rusangi, abakenyezi batatu kuri bane bamaze gukorwa incuro imwe, iyo bagerageje kwibaruka mu buryo busanzwe birakunda, ariko ica kane cabo babigerageje baruhira gukorwa mu buryo bwihuta.

Abavyeyi bakwiye kumenya ko iyo bibarutse babanje gukorwa batari bavyiteze, akenshi birabagirira ingaruka mbi, gusumba iyo baba bavyiteguriye imbere y'igihe.

Ivyiza n'ibibi

Iyo umuvyeyi yibarutse abanje gukorwa, birashobora gufata igihe kirekire kugira ngo ashobore gukira. Ashobora n'ukuhandurira indwara canke agatakaza amaraso menshi cane.

Iyo umuvyeyi akozwe, arakira ariko agasigarana inkovu mu gitereko, ivyo navyo bigashobora kuzomutera ingorane muri kazoza mu gihe asamye iyindi mbanyi.

Abahinga bavuga kandi ko n'umwana hari igihe ashobora kugira ikibazo c'uguhema mu kiringo gito, canke ugasanga baramukevye batabibonye (ivyo birashika ku bana babiri ku bana ijana, ariko kenshi akira ningoga kandi ata zindi ngorane zihabaye).

Iyo umuvyeyi yibarutse mu nzira zisanzwe, bisigura ko ataguma mu bitaro umwanya muremure, agakira ningoga agaca asubira ku bikorwa vyiwe vya minsi yose, kandi biratuma atanarinda gukorwa muri kazoza.

Hagati aho, birashobora gutuma atabuka umubiri uri hagati y'igihimba c'irondoka n'ikibuno (périnée/perineum).

Vyongeye, ku bagore bigeze kwibaruka bakozwe:

  • Kugerageza kwibaruka mu nzira zisanzwe bishobora gutuma inkovu itabuka. Ivyo birashikira umugore umwe ku bagore 200
  • Umwana arashobora gukomereka mu bwonko canke ugasanga apfiriye mu nda

Si vyiza ko umugore amaze kwibaruka abanje gukorwa nk'incuro zitatu canke zine yorondera kwibaruka mu nzira zisanzwe, nkuko bivugwa n'ikigo c'abahinga mu vyerekeye irondoka co mu Bwongereza.

Muganga Pat O'Brien, umuhinga mu vy'irondoka akaba n'umuvugizi w'ikigo kijejwe irondoka, avuga ati: "Abagore bohumurizwa ko igihe cose bishoboka kandi ari vyiza kwibaruka mu buryo busanzwe, canke akitegura kwibaruka akozwe iyo aheruka kwibaruka abanje gukorwa".

"Ni vyiza ko haba ibiganiro bikwiye hagati y'umuvyeyi n'uwumukurikirana kugira ngo ashobore guhitamwo neza uburyo yokwibarukamwo, kandi abahinga bakanamuba hafi".