Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubutegetsi bw'u Burundi buvuga ko ata nzu iriko irasha hagati ya Leta na Katolika
Leta y'Uburundi isaba abanyagihugu ko batoterwa ubwoba n'ibiri mw'ijambo riherutse gushikirizwa n'Inama y'Abepiskopi b'idini rya Katolika mu Burundi.
Umuvugizi akaba n'umunyamabanga wa Leta, Prosper Ntahorwamiye, avuga ko ijambo bashikirije ryerekana ko u Burundi bwateye intambwe mu biraba intwaro rusangi.
Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi wagirije abo bepiskopi ko bafise intumbero y'ugucanishamwo Abarundi.
Abepiskopi bobo bavuga ko bazokwama bavuga ukuri "n'aho hari aho bishika kukababaza".
Mu kiganiro n'abanyagihugu kuri uyu wa gatatu, Bwana Ntahorwamiye yavuze ko kubona Inama y'Abepiskopi ishikiriza aho ihagaze ku biraba ubuzima bw'igihugu ari ibisanzwe kandi ko atawe vyohungabanya.
"Ico nagomba gushikiriza, ni uko u Burundi bwinjiye mu nzira ya demokarasi ubutagisubira inyuma.
Iyo igihugu kimaze kwinjira mu ngendo ya demokarasi, ni ukuvuga y'uko abenegihugu harimwo abajejwe amasengero bafise uburenganzira bw'ukugira ico bavuze kuri iki canke kiriya ku buzima bw'igihugu".
"Abumvise ko iki canke kiriya kitavuzwe neza canke kitavuze vyo baragize ico babivuzeko, twebwe nka leta tuvuga ko ari demokrasi iriko irashinga imizi".
"Ni mwumve ko atanzu iriko irasha kandi ko ata muti wishe ibere".
Ibi biratandukanye n'ivyavuzwe n'umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, wiyamirije ivyatangajwe n'abarongoye Ekleziya Katolika mu Burundi.
Bwana Ntahorwamiye we yavuze ko muri rusangi Ekleziya Katolika na Leta bafitaniye imigenderanire myiza kuko iryo dini rifasha mu bitari bike.
Amwunganira, Jean-Claude Karerwa avugira umukuru w'igihugu asaba ko ata muntu yofata ko Inama y'Abepiskopi yarenze akarimbi kuko kuri we bakoze igikorwa ca minsi yose.
Ati: "Ndibaza y'uko imbere y'amatora bazoba basubiriye gushikiriza inyigisho nka zirya canke mbere zisumba na zirya kuko biri mu bikorwa vyabo vya minsi yose, haba mu Burundi canke no mu bindi bihugu".
Bwana Karerwa arashimira abasenyeri ba katolika kuko mw'ijambo ryabo bemeje ko hari ibikorwa vyinshi vyiza bimaze gukorwa na Leta.
Ati: "Kandi turabizeza ko tuzobandanya dukora ibikorwa bibashimisha".
'Ni uburenganzira bwabo bwo kwinjira muri politike'
Mw'ijambo ryasomwe ku munsi wa Mungu uheruka ku wa 20 z'uku kwezi kw'icenda, abo bepiskopi barashikirije bimwe bimwe muvyo banegura mu bijanye na politike y'iki gihe bavuga ko biteye amakenga.
Bwana Karerwa avuga ko ari uburenganzira bwabo kwinjira muri politike mu gihe bobishaka, ariko bakabicisha mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati asanzwe ajejwe imigambwe.
Hari amashirahamwe yigenga aherutse kwagiriza abarongoye Ekleziya Katolika ko yivanga mu vya politike, agasaba ko boreka kuvuga ibijanye na politike mu nyigisho zabo.
Abepiskopi ba Katolika bavuga ko bazokwama bavuga ingene ibintu bimeze kandi ko badashobora gucisha iruhande.