Mu Burundi havugwa umunyu mubi mu masoko. Bisigura iki?

Insiguro y'amajwi, Mu Burundi havugwa umunyu mubi mu masoko. Bisigura iki?
Yatangajwe

Ubushikirangnji bujejwe urudandazwa mu Burundi buheruka kumenyesha ko hamaze kwibonekeza mu masoko umunyu udakwije ivyangomba ku magara y'abantu.

Uwo munyu ngo nta cunyunyu ca iode gikwiye ufise, ngo ukaba ushobora kugira ingaruka ku magara y'abantu.

Kugira dutahure izo ngaruka, twavuganye n'umushakashati ari mu batoye isabuni ikinga imibu itera malaria, Gerard Niyondiko.