Umuyobozi wa Bujumbura agabisha ko CHOLERA yateye igisagara ca Bujumbura

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, aragabisha ababa muri ico gisagara ko indwara ya CHOLERA yamaze kubashikamwo.
Mw'itangazo yasohoye ejo ku wa mbere igenekerezo rya 05 z'ukwa munani, Bwana Mbonimpa amenyesha ko abantu 126 bamaze kwandura iyo ndwara.
Avuga ati: "Gushika ubu ama zone abangamiwe kurusha ayandi ni KANYOSHA, BUYENZI, BUTERERE, na CIBITOKE".
CHOLERA yandukira mu kunywa amazi canke gufata imfungurwa zandujwe n'amazirantoke arimwo imigera yayo.
Bwana Mbonimpa agabisha ko "hari ibibanza bikoraniramwo abantu benshi bitubahiriza isuku, nk'amazu y'uburiro n'ubunywero ...".
Avuga ko ku munsi ku munsi "hibonekeza abarwayi bashasha bane canke batanu".
Umukuru w'igisagara atangaza ingingo zafashwe mu ntumbero y'uguhangana n'iyo ndwara.
Muzi izo ngingo harimwo guhagarika: "Ubunywero n'uburiro bikorera mu masoko, mu ma parking y'imiduga, iruhande y'amabarabara canke ku miserege y'amazi".
Meri ya Bujumbura kandi yahagaritse "uruja n'uruza rw'amasorori arimwo imfungurwa, urudandazwa rw'abatembereza amazi yo kunywa ari mu ma sachets, imitobe n'izindi mfungurwa ku ma parking n'ibindi bibanza vy'ihuriro".
Meri kandi yabujije kuvoma no gukoresha amazi y'inzuzi canke y'imiserege.
Freddy Mbonimpa asaba ko ahantu hose hugawe hatokwugururwa abajejwe intwaro n'amagara y'abantu batabonye ko hakwije ibisabwa mu vyo isuku.
CHOLERA ni indwara yandukira cane kandi yica ningoga mu gihe umurwayi atavuwe hakiri kare.










