Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Eritrea ‘yigaruriye ibigo vy'ubuvuzi vyegukira katolika’
Amakuru ashikira BBC igisata c'ururimi rwa Tigrinya, amenyesha ko leta y'igihugu ca Eritrea yategetse Ekleziya Katolika gushikiriza ibigo vy'ubuvuzi vyose bisanzwe vyegukira iryo dini.
Mu ntango z'iyi ndwi, abategetsi basavye abarongoye ivyo bigo gutera igikumu ku rwandiko rwemeza ko babishikirije.
Ariko abarongoye ivyo bigo nka bose baranse gushira umukono kuri urwo rwandiko, basaba ahubwo ko bovugana n'abarongoye iryo shengero.
Inyuma y'aho, abajejwe umutekano bategetse abakozi bavyo gusohoka, baca baravyugara.
Nta wuzi igituma ubutegetsi bwa Eritrea bufashe iyo ngingo.
Hagati aho, mu kwezi kwa kane uno mwaka, abasenyeri ba Ekleziya Katolika muri Eritrea barasavye ko hotanguzwa umugambi w'ukunywanisha mu gihugu, ivyotuma abanyagihugu bose batunganirwa.
Mu rwandiko rw'impapuro 30 rwanditswe n'abo basenyeri inyuma y'amasezerano y'amahoro hagati y'ico gihugu na Ethiopia, bamenyesheje ko ari nkenerwa ko abanyagihugu bonywanishwa kugira ngo igihugu gikire.
Basavye ubutegetsi ko bwogira impinduka zotuma abanyagihugu batipfuza guhunga igihugu.