Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Christine Ntahe yashize ahabona igitabo cerekana uruhara rw'abapfasoni mu kugarukana amahoro mu Burundi
Umupfasoni Christine Ntahe yashize ahabona igitabo kigizwe n'intahe z'abakenyezi bo mu bwoko bwose ku vyabashikiye mu ntambara yo 1993.
Ico gitabo c'impapuro 136 "ELLES, Un homage aux oubliees"; kirimwo n'amafoto ya bamwe bamwe mu bapfasoni bo hirya no hino mu gihugu bavuga ivyababayeko.
Christine Ntahe batazira Mama Dimanche kubera igikorwa ciza akora co kugaburira abana bo mw'ibarabara ku misi y'Imana, avuga ko izo nkuru yagiye arazegeranya igihe yari agikora umwuga wo kumenyesha amakuru muri Studio Ijambo.
Uwo mupfasoni avuga ko bitari vyoroshe.
"Mu 1993, abantu bari baracanyemwo, abagabo barahunze, hamwe hamwe hasigaye abapfasoni gusa.
"Iki gitabo kije gushimagiza abapfasoni barengeye inzigo, ishavu n'urwanko ntibahebe bagenzi babo. Umuhutukazi yarava ku gatumba akaja kuramutsa umututsikazi, umututsikazi na we akabigenza uko, kandi bazi neza ko bashobora kugirirwa nabi kuko baca bitwa ibihemu."
Umupfasoni Ntahe rero avuga ko iki gitabo kije gushira ahabona ibikorwa vyiza vyakozwe n'abapfasoni ariko vyagumye binyegejwe.
Kubera iki abapfasoni kandi hariho n'abagabo bakoze ibikorwa nk'ivyo?
Umupfasoni Ntahe Christine avuga ko yashatse kwandika ku bapfasoni kuko ari bo bagorwa cane mu ntambara.
"Abapfasoni basigara bareze abana bonyenye, bafatwa ku nguvu, bacurwa bufuni na buhoro abagabo biyirukiye kera.
"Hari n'aho nko muri zone Kinama iri mu gisagara ca Bujumbura abapfasoni batinze batangura gukora akazi kahora gokorwa n'abagabo, nko guca imanza mu makaratiye, gukina umupira … kubera ata mugabo yari ahasigaye.
Ico gitabo gifise iyihe ntumbero?
Igitabo "ELLES, Un hommage aux oubliées", ngo gifise intumbero yo gushinga intahe ku vyabaye muri kahise kugira abantu babimenye, babikuremwo n'icigwa.
Harimwo uko abakenyezi barengera ibibatandukana bakarabana bari mu bihe bigoye, batanasangiye ubwoko.
Christine Ntahe ahimiriza n'abandi bapfasoni bakiri bato bari mu mwuga wo kumenyesha amakuru kugera ikirenge mu ciwe mu kuzokwandika ivyo bagenda babona buri musi.
Ico gitabo kiri mu rurimi rw'igifaransa, ariko hakaba hategekanijwe gusohorwa n'ico ikirindu.
Umgambi ukaba ari uko coshikira abantu benshi bari hirya no hino mu gihugu.