Aliko Dangote umugwizatunga wa mbere muri Afrika avuga ko ata mwanya afise wo kurondera umugore

Aliko Dangote

Ahavuye isanamu, AFP

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Bamwe mu bakoresha urubuga ngurukanabumenyi bwa Twitter basavye ko bokwubakana n'umuntu wa mbere atunzi ku mugabane wa Afrika Aliko Dangote inyuma y'aho ikinyamakuru ca Financial Times candikiye ko ariko ararondera umugore.

Dangote yabwiye ico kinyamakuru ati:"Imyaka yanje ntigabanuka, imyaka mirongo itandatu irasanzwe... Ariko ntivyinjira mu bwonko bwanje kuja kurondera umuntu ata mwanya ufise."

Yongeyeko ati:"Ubu nta mwanya kubera dufise aho duhingurira igitoro, ibintu vyamuka ku mavuta, imyavu, n'imiringoti itwara gaze, ndakeneye kuruhuka gato."

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 1

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 2

Tambuka X ubutumwa, 3
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 3

Ariko bamwe bashavujwe n'intumbero y'ico kiganiro c'uwo mutunzi kuvyerekeye ubuzima bwiwe bwite.

Dangote yarigeze abagore benshi n'aho inkuru zerekeye abo babanye bitoroshe kuzemeza.

Bizwi kandi ko abo bavanye hakurikijwe amategeko ari babiri.

Afise abana batatu bazwi, uwuzwi cane akaba ari Halima Dangote aherutse kwubaka urwiwe mu ntangi z'uyu mwaka mu birori vyitabwe n'abantu rurangiranwa kw'isi harimwo uwatanguje Microsoft Bill Gates n'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania Jakaya Kikwete. Abandi bana biwe ni Fatima na Mariya.

Dangote ni umu islam kandi idini ryiwe riramurekurira kwubakana n'abapfasoni benshi. Ariko n'aho yagize abagore benshi inkuru zivuga ko atigeze abana n'umugore arenga umwe mu gishingo kimwe. Ubu abantu bafata ko ata mugore afise.

Tambuka X ubutumwa, 4
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 4

Aliko Dangote ni nde?

Aliko Dangote ni we mutunzi wa mbere w'umwirabure no muri Afrika.

Yatanguje ikompanyi y'isima kandi n'ubu ni we akiyirongoye. Dangote Ciment iracari imbere mu gukora isima ku mugabano wa Afrika.

Dangoti kandi arafise uruganda rukora isukari, umunyu no gusya ifu.

Ikompanyi ya Dangote Group iriko irubaka imihora yo gutwara igitoro mu nkengera za Lagos muri Nigeria, aho barangije ico gikorwa mu 2019 izoba ari iya mbere minini kw'isi.

Ico gikorwa kizotwara amamiriyaridi 9 y'amadolari.

Dangote aracafise umuhigo wo kuba umwirabure wa mbere atunze kw'isi n'ubutunzi bungana imiriyaridi 14.1 z'amadolari.