Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanyarwanda n'abaganda babuzwe irengero mu nkino za Commonwealth
Abateguye inkino za Commonwealth zibera mu gihugu ca Australia bavuze ko abandi banonotsi batanu baturuka muri Afrika babuzwe irengero.
Bavuga ko bariko barabahiga, nabo ngo bakaba barimwo abaturuka mu bihugu vy'u Rwanda na Uganda.
Hagataho abanya Cameroun umunani babuzwe irengero kuva ku munsi wa gatatu baracarondegwa.
Abateguye inkino bariko barondera kandi abakinyi babiri ba "squash" baturuka mu gihugu ca Sierra Leone.
Mu nkino za Olympique zo mu 2000 mu gisagara ca Sydney, abanonotsi barenga 100 bararengeje ikiringo bari barekuriwe kuba mw'ico gihugu.