Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israeli yagavye ibitero ku birindiro vy'igisirikare co mu kirere ca Syria
Igisirikare ca Israeli cavuze ko cagavye ibitero ku birindiro vy'igisirikare co mu kirere ca Syria no ku bibanza vya Irani inyuma yaho inteko za Syria zivugiye ko zakoroye indege y'ingwano ya Israeli.
Iyo ndege yaguye ku butaka bwa Israeli; abadereva bayo babiri barakomereka -- umwe muri bo akaba aremvye.
Igisirikare ca Israeli cerekanye video yo mu kibanza c'abadereva, yerekana "drone" idafise umudereva ya Irani irashwe munyuma igwa hasi.
Syria n'abacuti bayo ba Irani barahakana ko iyo "drone" yinjiye ku butaka bwa Israeli.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Uburusiya bwasavye kwigumya, buvuga ko butewe amakenga n'ubuzima bw'abasirikare babwo bari muri Syria.