Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israeli yagavye igitero ca "missile" hafi y'ikibuga c'indege co muri Syria
Igitero ca "missile" cakozwe na Israeli cateye ibiturika n'umuriro mwinshi ku kirindiro ca gisirikare hafi y'ikibuga c'indege ca Damas "Damascus international airport", nkuko ikinyamakuru c'igihugu ca Syria cabishikirije.
Itanki y'ibitoro hamwe n'inyubakwa z'ububiko zasambutse, nkuko ikinyamakuru Sana cavuze.
Ariko amakuru aturuka mu migwi y'inyeshamba yavuze ko ububiko bw'ibigwanisho vy'umuhari Hezbollah wo muri Libani bwasambuwe, uwo muhari ukaba ugwana ku ruhande rwa leta ya Syria.
Israeli ivuga ko ico gitero cari gikomeye kandi ko yagikoze mu kuzibira ko Irani irungikira ibigwanisho Hezbollah, ariko ntiyasubiye kwemanga ko ariyo yakoze ico gitero.
Umugwi ukurikirana ibibera mu gihugu ca Syria wavuze ko ico gitero cateye urwamo rwumvikanye mu gisagara cose ca Damas.
"Ico giturika cateye urwamo runini rwumvikanye mu gisagara ca Damas," niko Rami Abdel Rahman arongoye ikigo co mu Bwongereza "Syrian Observatory for Human Rights" yavuze.
Ico kibuga c'indege kiri ku 25km mu bumanuko bushira ubuseruko bw'umugwa mukuru wa Syria.
Ico giturika cakurikiwe n'umuriro mwinshi, ariko nta makuru arasohoka ku boba bahagiriye ingorane z'amagara kandi nta wuramenya icateye ico giturika.
Imwe mu ma televiziyo yo muri Libani igenzugwa n'umuhari Hezbollah, yavuze ko ico giturika coba cavuye ku gitero c'indege ca Israeli. Yongera ivuga ko cononye ibintu gusa.
Bivugwa ko Israeli igaba ibitero vy'indege kenshi mu bibanza bitandukanye muri Syria, ishaka kuzibira umuhora w'ibigwanisho birungikigwa umuhari Hezbollah.
Uwurongoye igisata c'iperereza muri Israeli, Israel Katz, yavuze ko igitero cakozwe hafi ya Damasi "kijanye na politike ya Israeli" yo kubugagiza ihererekana ry'ibigwanisho.