Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanya Syria basangukiye mu nzira bahungira muri Libani
Abategetsi ba Libani bamenyesha ko batoye ibiziga bibiri vy'abanya Syria biyongera ku bandi 13 vyatowe ku munsi wa gatanu ku rubibe ico gihugu gihana na Syria.
Abo bantu bishwe n'imbeho bahuye n'igihuhusi gikomeye, ibinyamakuru vyaho bikamenyesha ko bahatawe n'abakora urudandazwa rwo mu mpisho rwo kujabutsa abantu bidaciye mu mategeko.
Bivugwa ko hari babiri mu bakora urwo rudandazwa rw'abantu batawe muri yompi
Impunzi nyinshi zari muri ako kaga k'imbeho zatabawe, muri abenshi bari abana, barimwo umwana w'umuhungu yariko ariyererana we nyene.
Libani hari abanya Syria bagera ku muriyoni banditswe nk'impunzi, ariko bikekwa ko hari abandi batanditse bagera ku gice c'umuriyoni.