Yordaniya isaba Amerika kutemera Jerusalem nk'umugwa mukuru wa Israel

The Israeli flag flutters in front of the Dome of the Rock mosque and the city of Jerusalem, on December 1, 2017.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Yordaniya isaba Amerika kutemera Jerusalem nk'umugwa mukuru wa Israel
Yatangajwe

Ayman Safadi yabwiye umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire muri Amerika Rex Tillerson ko ingingo nk'iyo ishobora ishobora gutera icuka kibi mu bihugu vy'abarabu no mu ba Islam.

Hari ibivugwa ko prezida Donald Trump agiye gutangaza ko Jerusalem nk'umugwa mukuru wa Israel nk'uko yari yavyemeye mu kwiyamamaza

Jared Kushner, umukwe wa prezida Trump avuga ko ata ngingo gushika ubu irafatwa.

Ku rubuga rwa Twitter, Safadi yavuze:"Navuganye n'umunyamabanga wareta ya Amerika Rex Tillerson ivyerekeye ingaruka yo kwemeza Jerusalem nk'umugwa mukuru wa Jerusalem. Ingingo nk'iyo ishobora gutera ibibazo mu bihugu vy'abarabu no u ba Islam, hakaba imishamirano no kubangamira amahoro."

The exterior of the US Embassy in the Israeli city of Tel Aviv

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Hari ibivugwa ko prezida Donald Trump agiye gutangaza ko Jerusalem nk'umugwa mukuru wa Israel nk'uko yari yavyemeye mu kwiyamamaza.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire muri Amerika nta co burabivugako.

Na yo prezida wa Palestine Mahmoud Abbas ariko ararondera gushigikirwa n'amakungu mu ntumbero yo kugondoza Trump ngo ntasohore itangazo nk'iryo.

Ibiro vyiwe bivuga ko vyahamagaye ku musi w'Imana abategetsi batandukanye bo kw'isi harimwo prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macro n'uwa Turjia Tayyip Erdogan.