Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isabukuru iteramishwa n'abaririmvyi bakomeye b'umuziki yasibijwe
Isabukuru "Apple Music festival" ikunze guteramishwa n'abaririmvyi bakomeye nka Lady Gaga ryobereye i Londres mu Bwongereza, yobaye muri kuno kwezi kw'icenda, yasibijwe inyuma y'imyaka 10 itangujwe.
Iyo sabukuru yatanguye mu 2007 imara ukwezi kwose, abiyandikishije kuba abayoboke ba "Apple Music" bakayikurikirana ku buntu.
Abandi baririmvyi bakunze kuboneka muriyo sabukuru ni Britney Spears na Chance aririmba umudiho wa Rap.
Apple ntirasigura igituma iyo sabukuru yasibijwe ariko ngo iracashigikiye umuziki ucurarangiwe aho (live music).
Isabukuru "Apple Music festival" yatanguye yitwa "i Tunes festival" ariko munyuma ifatwa na "Apple Music" kuva mu 2015.
Yatanguye ibera mu kibanza co gutambiramwo " ICA and Koko nightclub" c'i Londres, munyuma yimukira ahitwa Roundhouse i Camden.
Naho iyo sabukuru yatuma haza abaririmvyi bakomeye, abantu bari basigaye bayivuga cane kubera ko abayizamwo benshi binjira ku buntu, bigatuma ibirori bitaryoha.
Mu 2013, vyabaye ngombwa ko Alex Turner asaba abantu "kwikangura" ariko araririmba.