Covid: Abafungura binenaguza bashobora kuba batumva akamoto n'akanovera k'indya.

Yatangajwe

Abana batanguye kuza barinenaguza mu gufungura barashobora kuba bariko barerekana ibimenyetso vya nyuma yo kwandura Covid birimwo kutamoterwa no kutumva akanovera, nk'uko bivugwa n'abahinga.

Paromia, ikimenyetso aho abagifise usanga bafise ingorane zo kumoterwa, ni ingaruka yizwe neza yigaragaza mu bantu bakuze bigeze kurwara Covid.

Kaminuza ya East Anglia (UEA) n'ishiramwe ry'abagiraneza Fith Sense vyashizeho ico bokwisunga mu kubibona ku bana.

''Nibazako hari abavyeyi benshi batakimenya 'ico bokora kandi bihebuye vy'ukuri'' nk'uko bivugwa na Carl Philpott wo kuri Kaminuza UEA.

"Kenshi ico kibazo gituma abana baterekwa ibifungurwa, kandi benshi barashobora kuba badafungura na gatoyi."

"Ntikiremezwa"

Iki kibazo, avuga ko cashikiye abantu bakuze bashika ku 25.000 kubera Covid, gishobora gutuma ivyo kurya bizana akamoto canke akanovera kabi, gasa nk'ak'inyama iboze canke ubumara.

Umwigisha Philpott, yize ibice bikora mu kumoterwa kuri Kaminuza y'ubuganga ya Norwich yavuze ko bwabaye ubwambere atangura kubona abakiri bato bafise ibimenyetso vyo gutakaza kumoterwa kuva atanguye uyu mwuga.

Yongeyeko ati "ni ikintu gushika ubu kitaremezwa vy'ukuri n'abanyamwuga mu vy'ubuvuzi, bibaza yuko abana baba bariko barinebaguza mu gufungura ntibabone ko hariho ikibazo kivyihishe inyuma".

"Ku bana bamwe - cane cane abasanganywe ikibazo co gufungura, canke bafise uburwayi bwo mu mutwe nka autism - birashobora kugorana cana."

''Yarahagaritse gufungura''

Kuva aho arwariye Covid mu kwezi kwa Myandagaro (9), Malisse Kafi w'imyaka 11, vyaciye bimugora gufungura canke kunywa kuko vyose vyagira akanovera "k'amazirantoke canke amagi aboze".

Nyina wiwe Dawn Kafi w'i Liverpool, yavuze yuko indya zamuteye kumokorwa. Mu mezi abiri, yaciye anyarukanwa kwa muganga yafashwe n'umwumira, amaze gutakaza ibiro 2.

Yagize ati ''vyari biteye ubwoba''.

''Vyari bigoye kugira ico ukora. Twakoze uko dushoboye kugira afungure, twatetse ibifungurwa akunda vyose, ariko vyose vyamutera kurwara cane''.

Malisse basanze afise parosmia baca bamuha inkabuzo ya steroid icishwa mu zuru, ariko ntaco vyafashije kandi igihe yari mu bitaro yagaburirwa hakoresheje agahora (tube).

Madamu Kafi yagize ati "Ntitwari bwumve parosmia".

''Vyari bibabaje cane kubona amagara yiwe asubira inyuma, agaheba gufungura rwose''.

Malisse ubu afata ibifungurwa bitamugwa nabi birimwo ifi ya salmon na foromaje ya Dairylea, ariko nk'uko nyina abivuga "aba arushe cane anafise imbeho igihe cose", kandi afise ibibazo vy'amagara vy'urutavanako.

Duncan Boak wo muri Fith Sense, ishirahamwe ry'ubugiraneza ry'abantu bashikiwe n'ibibazo vyo kumoterwa no kwumva akanovera, yavuze ko bumvise inkuru zemeza yuko abana vy'ukuri bagira ingorane zo gufungura nyuma yo kurwara Covid.

Yagize ati "Twarumvise amakuru ya bamwe mu bavyeyi usanga abana babo bafise ingorane zo gufungura kandi bagatakaza ibiro, ariko abaganga bakavuga ko ari ukwinenaguza ibifungurwa gusa."

"Turashaka cane gusangira ayandi makuru kuri iyi ngorane n'abahinga mu vy'amagara kugira bamenye ko iki ari ikibazo gishika kure."

Icerekezo, catunganijwe na Prof Philpott na Fifth Sense, cerekana yuko abavyeyi bashobora gufasha mu gutegura ikirangaminsi c'imfungurwa zitamerera nabi abana hamwe n'iziteza ingorane.

Abana bari bakwiye guhimirizwa kugerageza ibifungurwa bisyeye, kugira barabe ivyo boshobora bikanabaryohera, kandi bakagerageza gukoresha utuntu tuzibira izuru bariko barafungura, kugira bakumire akanovera.

Ico cerekezo kandi gihimiriza uburyo bwo "kwimenyereza kumoterwa" mu kwimotereza ibintu nka bine bitandukanye inshuro zibiri ku munsi, mu kiringo c'amezi menshi, bikazofasha gukira.