Mbali Sana: Steven Sogo aravuga ku rukurikirane rushasha rw'indirimbo ziwe

Insiguro y'amajwi, Mbali Sana: Steven Sogo aravuga ku rukurikirane rushasha rw'indirimbo ziwe
Yatangajwe

Umuririmvyi w'Umurundi Steven Sogo ubu aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, araganira na BBC Gahuzamiryango ku rukurikirane (album) rushasha rw'indirimbo ziwe aheruka gusohora yise Mbali Sana.

Mbali Sana, canke Kure Cane mu Kirundi, ni urukurikirane rugira gatatu rwa Steven Sogo, akaba arusohoye nyuma y'imyaka indwi atanguye kurutegura.

Steven Sogo aganira na Robert Patrick Misigaro wa BBC Gahuzamiryango, ku gituma vyatwaye igihe kirekire kugira Mbali Sana isohoke, igihe ashobora kuremeshereza igiteramo mu Burundi, n'ibindi... (Kanda aho hejuru mw'ifoto wumvirize)

Mbali Sana

Ahavuye isanamu, Steven Sogo