Mozambique -Cabo Delgado: Abitwaje ibirwanisho banyuruje abagore indwi

Yatangajwe

Ibinyamakuru vyo muri Mozambique bivuga ko abarwanyi biyitirira idini rya Islam banyuruje abagore indwi mu kigwati kiri mu ntara iri mu buraruko ya Cabo Delgado.

Iyo ntara imaze imyaka mu ntambara yatewe n'abagwanyi bivugwa ko bafitaniye isano n'imigwi y'intagonda zivuga ko zigwana intambara ntagatifu ya Islam , aba djihadiste.

Ingabo za Afrika y'Epfo zagiye gufasha reta ya Mozambique kurwanya abo bagarariji zakoze igikorwa co kugaruza abanyurujwe ariko ntaco zashitseko.

Mu kindi gitero, abo bitwaje ibigwanisho bateye ikigwati muri district ya a Mueda, basahura ivyo kurya hamwe n'ibindi vya kenerwa.

Ingabo z'Urwanda zigera ku gihumbi nazo ziri mu zarungitswe muri ico gihugu gufasha reta yaco kurwanya iyo ntambara imaze yadutse mu 2017.

Ariko n'ubwo izo ngabo hamwe n'izo mu bihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y'ubumanuko SADC zimaze kugaruza uturere twinshi abo bagwanyi bari barafashe, barabandanya gutera.

Bagize igihe baa imitwe abarimyi babasanze mu mirima yabo bakananyuruza abahungu kugira baje kubinjiza mu bagwanyi babo.