Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika y'Epfo-Covid: Prezida yatanze akarorero mu guterwa urucanco
Umukuru wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa yatewe urucanco rwa coronavirus ubwo igihugu catanguye gutanga urucanco rwa Johnson & Johnson.
Yetewe urucanco imbere y'abafata amasanamu mu bitaro vya district ya Khayelitsha muri Cape Town-mu nyuma yandika kuri twitter ati: "Guterwa urucanco vyanyarutse, vyari vyoroshe kandi ntivyababaza cane.''
"Nsavye abakozi bacu bo kwa muganga bose kwiyandikisha kugira bahabwe urucanco kuko aribo baza imbere mu kurwanya iki kiza ca coronavirus."
Umushikiranganji ajejwe amagara Zweli Mkhize hamwe n'abandi bakozi bo kwa muganga nabo bacandazwe mu mugwi wa mbere w'incanco ibihumbi 80 za Johnson & Johnson zashitse mu gihugu ku wa kabiri ku mugoroba.
Ikinyamakuru co ku mbuga-hwaniro News24 kivuga ko prezida Cyril Ramaphosa yavuze ahejeje guterwa urucanco ati:
"Uyu munsi n'intambwe ikomeye kuri twewe nk'abanya-Afrika y'Epfo,ko impera n'imperuka incanco zashitse kandi ziriko ziratangwa."
Ico gihugu ca mbere mu gusinzikazwa n'ikiza ca coronavirus muri Afrika cari kuba catanguye gutanga incanco ku ndwi iheze ariko ntivyabaye bikiba kubera amakenga ko urucanco rwa Astra-Zeneca rwagomba gukoreshwa, rwoba rudakinga ubwoko bushasha buriko burakwiragira kuva butowe ubwa mbere muri Afrika y'Epfo mu kwezi kwa 11.
Kubera urucanco rwa Johnson & Johnson rutangwa rimwe gusa rukaba rukwiye, biranoroshe kurukoresha.