USA: umugore umwe yapfuye agonzwe n’imodoka yiteye mu bari mu myiyerekano

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugore umwe yapfuye agonzwe n' imodoka yiteye mu murwi w'abari mu myiyerekano mw'ibarabara risanzwe ryugaye mu gisagara ca Seattle, nk'uko abategetsi babimenyesha.
Abajejwe umutekano muri leta ya Washington banditse ku rubuga rwa Twitter ko "iyo modoka yinjiye ku nguvu muri iryo barabara igonga abatari bake".
Summer Taylor w'imyaka 24 yagiye gusandaba haciye amasaha makeya, mu gihe uwa kabiri nawe nyene yakomeretse cane.
Uwikekwa ko yakoze ico caha akaba yahagaritswe.
Kuva umunyamerika w'umwirabure George Floyd apfiriye mu gasho k'igipolisi mu gisagara ca Minneapolis mu kwa gatanu kw'uno mwaka, igisagara ca Seattle kirangwamwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ivangura.
Iyo myiyerekano iri mu rukurikirane rw'iyindi ibandanya mu gihugu cose ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri rya sekeza bise Ubuzima bw'Abirabure ni nkenerwa (Black Lives Matter).
Ivyo vyabaye ejo ku wa gatandatu mw'ibarabara ryari ryugawe imbere y'uko iyo myiyerekano y'abagore iba.
Igice kimwe c'abari muri yo carerekanywe ku mbuga hwaniro n'ivyandiko ngo "Black Femme March takes I-5".
Ireresi yazungurutse ku rubuga rwa Twitter yerekana imodoka yera yiruka n'umuvuduko munini cane, ikwepa izindi modoka zibiri bari bazibije iryo barabara, mu nyuma ica igonga abo bantu babiri.
Umudereva w'iyo modoka, Dawit Kelete aba Seattle yahagaritswe, akaba yagirijwe ivyaha bibiri vyo gutera abantu akoresheje imodoka.
Hagati aho, igipolisi nticavuze nimba uwakoze ico caha yabigize n'ibigirankana










