Burundi: Abakozi b'ihinguriro ry'inzoga Brarudi bagabisha ko bagiye guhagarika akazi

Yatangajwe

Sendika y'abakozi ba Brarudi, SYLITRAB, itangaza ko igiye guhagarika akazi inyuma y'iminsi itandatu kuva ejo ku wa kane, mu gihe ibibazo bashikirije umukuru w'iryo hinguriro ry'inzoga bitoba biratorerwa umuti, nk'uko biri mu rwandiko bamwandikiye.

Dieudonné Nizigiyimana arongoye iyo sendika yabwiye BBC ko ihinguriro ry'inzoga Brarudi ritwawe nabi cane, bakagiriza umukuru waryo ko aho gushira imbere ibiganiro ashima ahubwo gufatira ingingo abamukebura.

Mu minsi iheze, Brarudi yaragirijwe ko ibinyobwa isigaye ikora vyataye akanovera, mu gihe hari ibinyobwa bikundwa mu Burundi vyigeze gukena.

Mu kiganiro yagiranye na BBC, Dieudonné Nizigiyimana yagiriza umukuru w'iryo hinguriro amakosa atari make, ivyo navyo ngo bikagira ingaruka mbi ku bakozi no kuvyo risanzwe rikora.

Mu makosa ashirwa imbere, Bwana Nizigiyimana avuga ko harimwo ko iryo hinguriro risigaye rirangwamwo ubusuma cane cane bukorwa n'abakozi b'abacangero (Sous-traitants), kugabanya imishahara y'abakozi, kwirukana abakozi, gutanga akazi ku kimenyane n'ibindi.

Avuga ko umukuru w'iryo hinguriro aterekwa ibiganiro asabwa n'abakozi kugira ngo bigire hamwe ingene ingorane zihanze Brarudi zotorerwa umuti, ahubwo ko aca yihutira gufatira ingingo bamwe mu babaserukira mu ntumbero yo kubatera ubwoba.

Bwana Nizigiyimana ati: "Abakozi babicishije ku basanzwe barongoye sendika yabo barazishikirije umukoresha kugira ngo hagire ikintu cohinduka, ariko wewe ntiyashatse kubumviriza , ahubwo yaciye yigizayo abaserukira abakozi kugira ngo yibandanirize imigambi yiwe igayitse atacamira".

BBC yagerageje kuvugana na Remy Ndayishimiye ajejwe kumenyesha amakuru muri Brarudi kugira agire ico ashikirije kuri ivyo bivugwa na sendika y'abakozi bayo ariko akaba yamenyesheje ko ataco bafise babivugako.

Hagati aho, uburongozi bw'iryo hinguriro bwasohoye itangazo inyuma y'urwo rwandiko rwa sendika y'abakozi baryo, aho buvuga ko bwubaba uburenganzira bw'abakozi bwo guhagarika akazi mu gihe cose amategeko azoba yakurikijwe.

Abarongoye Brarudi bamenyesha ariko y'uko amasezerano bafitaniye n'abakozi bazoba bahagaritse akazi azoca ahagarikwa muri ico gihe batazoba bari ku kazi, kandi ko ata n'imishahara n'utundi turusho bahabwa n'akazi bazoronswa.

Mu kwezi kw'icumi umwaka uheze, mushikiranganji w'ubudandaji, amahinguriro n'ingenzi yaragabishije Brarudi ko mu gihugu hari imyidogo yavuga ko ibinyobwa bihingurwa n'iryo hinguriro vyatakaje akanovera, anarikebura ko ryokwikubita agashi rigakora ibinyobwa bitonona amagara y'abavyihereza.

Ku ruhande rwaryo, Brarudi yarahumurije abanyagihugu, aho yamenyesheje ko amashiramamwe HEINEKEN na Coca-Cola akorana naryo, yama akora ivyigwa kugira ngo arabe ko inzoga zihingurwa zikwije ibisabwa kandi ko n'ibikoresho vyayo bimeze neza.