Burundi: OLUCOME iriyamiriza ingingo yo kwugara ibiryo vy'abavunjayi (bureau de change)

Yatangajwe

Umukuru w'ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n'isesagurwa ry'itunga ry'igihugu, OLUCOME, aranegura ingingo y'Ibanki Nkuru y'u Burundi yo kwugara amazu adandaza amafaranga mvamakungu.

Mw'itangazo yasohoye kuri uyu wa kabiri, Gabriel Rufyiri arongoye Olucome avuga ko iyo ngingo itazotorera umuti ikibazo c'ikena ry'amafaranga mvamakungu cibonekeza mu gihugu.

Ku wa 07 z'uku kwa kabiri, Ibanki Nkuru y'Uburundi, BRB, yarafashe ingingo yo kwaka impusha amashirahamwe yose acuruza amafaranga mvamakungu mu Burundi.

Iyagiriza ko atashoboye gukurikiza ibiri mu rwandiko rwerekana ingene amafaranga mvamakungu avunjwa, ivyagize ingaruka mbi ku butunzi bw'igihugu, nk'uko BRB ibivuga.

Mw'iryo tangazo, Bwana Rufyiri avuga ati: "Iyo ata mafaranga y'agaciro ahari, ingingo nk'iyo siyo iza gukemura ikibazo kuko ibiciro vy'amafaranga y'agaciro bivana n'ingene aboneka kw'isoko ryayo".

Yibutsa ko iryo kena ry'amafaranga y'agaciro rituma ibidandazwa bimwe bimwe mu gihugu bikena kubera hakenerwa ayo mafaranga kugira ngo hagurwe ibikoresho nkenerwa mu guhingura ivyo bidandazwa.

Atanga akarorero k'isima, amafanta, ibiyeri n'ibindi, avuga ko "iyo bibonetse usanga bigurishwa ku biciro vy'umurengera".

Kuva Uburundi bwinjiye mu ngorane za politike mu mwaka wa 2015, ibihugu bimwe bimwe vyahora bifasha u Burundi vyarahagaritse imfashanyo vyahora biha ico gihugu, ivyagize ingaruka mbi ku butunzi bwaco, bituma kandi amafaranga y'agaciro akena.

Leta y'u Burundi yagiye ifata ingingo mu ntumbero yo kugenzura ko urudandazwa rw'amafaranga mvamakungu, ariko cagumye ari ikibazo ngorabahizi, arico catumyeIbanki Nkuru y'igihugu yugara amashirahamwe yose adandaza ayo mafaranga.

Olucome isaba leta kuvyura imigenderanire n'ibihugu bitanga imfashanyo, kwongereza ibidandazwa bishorwa hanze, guhimiriza abarwizatunga b'banyamahanga kuzana imitahe yabo mu gihugu, kunagura igisata c'ingenzi, ivyo vyose kugira ngo amafaranga mvamakungu yinjire mu Burundi.