Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ONU ivuga ko abantu 117 bishwe mu ndyane hagati y’aba Lendu n’aba Hema muri Kongo
Icegeranyo c'intangamarara c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU cemeza ko ubwicanyi mu gihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo bumaze guhitana abantu 117 mu ntara ya Ituri.
Abenshi mu bapfuye ni abo mu bwoko bw'aba Hema batunzwe cane cane n'ubworozi bw'inka, mu gihe abakoze ivyo bitero ari abo mu bwoko bw'aba Lendu batunzwe ahanini n'uburimyi.
Iyo mirwi ibiri yo muri iyo ntara ya Ituri izwi ko yamye ishamirana kuva kera, ariko ico cegeranyo ca ONU kimenyesha ko hashobora kuba hariyongereyeko n'izindi mvo zishingiye kuri politike be no ku butunzi.
Ico cegeranyo kivuga ko abo bantu baguye mu bitero vyabaye hagati y'amagenekerezo ya 10 na 13 z'uku kwa gatandatu muri iyo ntara iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.
Umurwi w'abashakashatsi bakoze ico cegeranyo bamenyesha ko bamwe muri bishwe baciwe amazosi, kandi ko harimwo abagore n'abana.
Mu gihe amazu n'ivyarimwo vyaturiwe, ishirahamwe ONU rivuga ko uravye ingene ivyo bitero vyari bikaze, vyaboneka ko abakoze ivyo bitero bari bafise intumbero yo kwomora abantu ntibasubire kugaruka mu zabo.
Igisirikare ca Kongo kimenyesha ko umurwi wakoze ico gitero urongowe n'uwitwa Ngudjolo, kikavuka ko cafashe ikirindiro cawo inyuma y'intambara ikaze.
Buramatari w'intara ya Ituri, Jean Bamanisa, yabwiye BBC ko abajejwe umutekano babandanya bakora amatohoza kandi ko ababikoze bazorengutswa imbere y'ubucamanza.
Kuva mu mwaka uheze, abantu barenga ibihumbi 300 baramaze guhunga kubera izo ndyane zo muri iyo ntara ya Ituri, bakaba baba mu makambi y'abateshejwe izabo be no mu ncuti ku mugwa mukuru w'iyo ntara, Bunia, hamwe no mu micungararo yaho.
Muri ico gihugu kandi havugwa amakuru y'intambara zibera mu mitumba ya Minembwe mu ntara ya Kivu y'Ubumanuko.
Mu gihe hari ibihuha vyavuga ko hoba hari abasirikare b'u Rwanda bariko barwanira ku butaka bwa Kongo, umunyamakuru wa BBC, Gaius Kowene, akorera muri ico gihugu amenyesha ko abenshi mubo bavuganye bahakana ayo makuru.
Amakuru atangwa n'inzego zitandukanye, haba mu baserukira ishirahamwe ONU, mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, mu bamenyeshamakuru bakorera muri ako karere, mi gisirikare c'u Rwanda, eka mbere no mu gisirikare n'inzego zijejwe igendereza muri ico gihugu ca Kongo, yose avuga ko ayo makuru ari ibihuha.