27 Ukwa kabiri, 2009 - 17:58 GMT
BBC Gahuzamiryango
Robert Patrick Misigaro
Ako gashimwe agaherewe ku kigo ca Maison Shalom aho arerera abana b'impfuvyi mu ntara ya Ruyigi
Ako Gashimwe, Chevalier De Legion D'Honeur, ni ko gashimwe gahambaye mu Bufaransa gahabwe aba civile ku bera ibikorwa vy'ubutwari baranguye.
Ako gashimwe kagizwe n'ikimetso c'umudari, ukaba watanzwe n'umunyamabanga w'u Bufaransa ajejwe agateka k'ikiremwa munut, Rama Yade, ku bubasha yahawe n'umukuru w'igihugu ciwe.
Rama Yade yavuze ko mu kuza gutanga ako gashimwe, yashatse gutera agateka umupfaso witanze akarengera ikiremwa muntu.
Marguerite Barankitse canke Maggi, yuguruye ikigo Maison Shalom mu 1993 bivuye ku kigongwe yatewe n'abana bagizwe impfuvyi n'amagume yabaye mu Burundi muri uyo mwaka.
Maggi amaze kuronka udushimwe tutari duke kubera ico gikorwa akora co kurera abana batagira abavyeyi.