RD Congo: Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ingingo ya sentare ije gusambura igihugu
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo bariyamiriza ingingo ya sentare yemeza itegeko ryo gutunganya kamarampaka, bakavuga ko ata gaciro ifise.
Mw’itangazo urunani C-64 ruhurikiyemwo iyi migambwe rwaraye rusohoye ryateweko igikumu n’abarongoye imigambwe ECIDE, A.Ch, ENSEMBE, LGD, na AENVOL, rwagirije sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ko yifatanije n’ubutegetsi mu gusambura igihugu.
Iri tangazo rigira riti: “Ingingo ya sentare yemeje umugambi wo gusambura ibwirizwashingiro kandi ikaba yugururiye inzira umugambi wo gucamwo ibice igihugu”.
Iyi migambwe yagiriza sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ko ari igikoresho ca Perezida Felix Tshisekedi, kandi ko itacubahwa canke ngo yizerwe n’abanyagihugu ba Congo.
Uru runani rwerekana ibintu bine abanyagihugu ba Congo batazoshobora kwihanganira, ari vyo:
- guca kuburi n’ibwirizwashingiro
- kwifatira mu minwe inzego z’igihugu,
- guhindura ibwirizwashingiro, hamwe
- n’ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu
Ku bw’uru runani, nta rwego na rumwe ruri hejuru y’ibwirizwashingiro, kandi ko nta butegetsi na bumwe buri hejuru y’ugussha kw’abanyagihugu kugaragarira mu kwubahiriza ibwirizwashingiro.
Uru runani rwari rwasibije imyiyerekano rwari rwategekanije ku wa 22 z’uku kw’indwi, noneubu rwahaye isango abanyekongo ryo ku wa 15 z’ukwezi kuza kwa Myandagaro (8) ku bigiye gukurikira.