Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Bulaya 17.07.2019: Rose, Ceballos, Fernandes, Eriksen, Soares, Saliba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wo hagati wa Real Madrid, Dani Ceballos w'imyaka 22 ari hafi gushira igikumu ku masezerano na Arsenal. (Mundo Deportivo)
Umukinyi wa Tottenham na Danemark, Christian Eriksen w'imyaka 27, ni umwe mu bakinyi baronderwa na Atletico Madrid isanzwe iriko irondera umukinyi ashobora gukina hagati. (Evening Standard)
Umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu wa Tottenham n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Danny Rose w'imyaka 29, ntazojana n'umurwi wiwe muri Singapour, mu gihe bivugwa ko ashobora kugurishwa. (Telegraph)
Manchester United yatanze amahera menshi kugira ngo ishobore kuronka umukinyi wo hagati Bruno Fernandes w'imyaka 24 wa Sporting Lisbon. (Mirror)
Barcelona iripfuza kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu, Junior Firpo w'imyaka 22 wa Real Betis, kugira ngo asubirire Jordi Alba. (Marca)

Ahavuye isanamu, Reuters
Arsenal yarungitse umuganga wayo muri Brezili kugira yihweze amagara y'umusatirizi Everton Soares w'imyaka 23 asanzwe akina mu murwi Gremio, bikaba bivugwa ko yoba iri hafi gushika ku mwumvikano n'uyo murwi kugira ishobore kumugura. (Fox Sports via Metro)
Umukinyi w'inyuma, William Saliba w'imyaka 18 aripfuza kwimukira muri Arsenal ariko umurwi wiwe, Saint-Etienne wipfuza kumugurisha mu bakeba bayo, Tottenham, batanze amahera menshi. (The sun)

Ahavuye isanamu, Reuters
Cardiff City isa n'iyateye intambwe mu biganiro n'umurwi wa Bordeaux wo mu Bufaransa ku mukinyi Younousse Sankhare w'imyaka 29, akomoka muri Senegali, uyo mukinyi akaba atajanye na bagenziwe muri Amerika mu nkino z'ukwitegurira ihiganwa ryimirije. (Wales Online)
Umukinyi w'inyuma wa Atalanta mu Butaliyano, Gianluca Mancini w'imyaka 23 ariko yitegura kwimukira mu murwi wa Roma wo muri ico gihugu ku mafaranga arenga imiliyoni 23 z'amapawundi. (Gazzetta dello Sport )
Liverpool yashize ku rutonde Andy Linergan w'imyaka 35 mu nkino z'imyiteguro muri Amerika y'Uburaruko, kubera ubukene bw'abanyegori. (Daily Mail)
Ayavugwa ejo ku wa kabiri
Leicester yemereye umukinyi w'inyuma wayo Harry Maguire w'imyaka 26 ko ashobora kwigira mu gihe hagati ya Manchester United na Manchester City hogira uwutanga amahera menshi gusumba ayo Liverpool yatanze ku Munyaholande Virgil van Dijk (imiliyoni 75 z'amapawundi). (Telegraph)
Umusatirizi wa Paris St-Germain Neymar w'imyaka 27 yashimangiye icipfuzo ciwe c'ukuva muri uwo murwi mu mubonano yagiranye n'uwujejwe ukwinonora imitsi, Leonardo . (ESPN)
Mu kiringo kitarenze indwi zitatu ziri imbere, Manchester United iriteguye gutanga amahera ku murwi Sporting Lisbon kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wawo wo hagati Bruno Fernandes w'imyaka 24 (Independent).
Arsenal iracari mu biganiro n'umurwi Celtic kugira ngo ishobore kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu, Kieran Tierney, inyuma y'aho uwo murwi wankiye igiciro kigira kabiri c'imiliyoni 25 z'amapawundi yari yatanze. (Evening Standard)
Arsenal kandi ntizoshobora kuronka umukinyi wo hagati w'umurwi Lyon akomoka mu Burafansa, Nabil Fekir w'imyaka 25, kubera vyanse ko igurisha Mesut Ozil afise imyaka 30. (L'Equipe, via Sun)










