Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru ku wa gatanu 05.07.2019: Maguire, Fernandes, Niguez, Marcelo, Lukaku, Gomez
Umukinyi Bruno Fernandes arashashaye cane kwimukira muri Manchester United. Bitegekanijwe ko uyo mukinyi wo hagati w'imyaka 24 asanzwe akina muri Sporting Lisbon no mu murwi nserukiragihugu wa Portugal afata urugendo rumushikana Old Trafford gupimwa kwa muganga. (Sport Witness)
Man U irarondera kandi umunyegori wa Atletico Madrid Saul Niguez w'imyaka 24 kugira asubirire Paul Pogba mu gihe uyu mukinyi w'umufaransa w'imyaka 26 yoramuka avuye i Old Trafford. (Express)
Manchester City ntiyiteguye kuriha amahera asabwa na Leicester ku mukinyi Harry Maguire w'imyaka 26, akaba ari amahirwe kuri Manchester United yo gushobora kugura uyo mukinyi mpuzamakungu w'umwongereza. (90Min)
Arsenal nta mahirwe bagize y'ukuronka umunyegori w'umudagi w'imyaka 21, Markus Schubert, yafashe ingingo yo kuja gukinira Schalke avuye muri Dynamo Dresden. (Sport1)
Arsenal bariko bakora hasi hejuru kugira bagure Marcelo inyuma y'aho uyo mukinyi w'umunya Brezili asavye ko yova muri Real Madrid. (Sport - via Metro)
Arsenal yatanguye kuvugana n'umurwi Gremio kugira irabe ko yoronka umukinyi w'inyuma wa Argentine, Walter Kannemann w'imyaka 28. (Globo Esporte - via Metro)
Inter Milan biriko birayigora kugura umusatirizi wa Manchester United akinira umurwi nserukiragihugu w'Ububirigi, Romelu Lukaku w'imyaka 26. (Sun)
Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Tottenham, Ossie Ardiles, avuga ko kugerageza kubuza Christian Eriksen w'imyaka 27 kugenda ari "uguta umwanya". (Talksport - via Goal)
West Ham United iriko irarwanira na Valencia umusatirizi wa Celta Vigo Maxi Gomez w'imyaka 22 akinira kandi n'umurwi nserukiragihugu wa Uruguay . (Sky Italia - via Inside Futbol)
Leicester umutima wayo wose uri ku mukinyi w'inyuma wa Burnley, James Tarkowski, ari nka hamwe Harry Maguire yokwimukira muri Man United. Hagati aho, Leicester izomurwanira na Wolves nayo nyene yipfuza uyo mukinyi. (Birmingham City)
Man United iriteguriye kugiriranira amasezerano mashasha n'umunyegori David de Gea akaba yohembwa imiliyoni 85 z'amapawundi milioni 85, aho yoronka umushahara w'ibihumbi 350 ku ndwi. (Star)
Umukinyi w'inyuma w'umunya Croatia, Dejan Lovren ashobora kuva muri Liverpool akaja muri AC Milan yipfuza cane uyo mukinyi w'imyaka 30, ikaba yoba iriko irategura amahera ngo imushikane i San Siro. (Mirror)
Manchester City na Barcelona iriko irarwanira umukinyi w'inyuma wa Juventus, Joao Cancelo w'imyaka 25, akaba kandi akinira n'umurwi nserukiragihugu wa Portugal. (Sport English - via Mirror)
Ayavugwa ejo ku wa kane
Frank Lampard yifotoreje mu kibuga ca Stamford Bridge aho yakirwa nk'umumenyereza mushasha wa Chelsea. (Mail)
Arsenal yugururiwe inzira y'ukugura umusatirizi w'umunyabrezili akinira Barcelona, Malcom w'imyaka 22, ariko ico irondera ahanini kukaba ari ukugura umusatirizi wa Cote d'Ivoire Wilfred Zaha w'imyaka 26 akina muri Crystal Palace. (Mirror)
Aba Gunners bariko bategura imiliyoni 70 bashaka gutanga kuri Zaha, n'aho Palaceyoyo ivuga ko uyo mukinyi afise agaciro kangana n'imiliyoni 80 z'amapawundi. (Sky Sports)
Tottenham yahagaritse ibiganiro vyayihuza na Real Betis ku mukinyi wo hagati akomoka muri Argentina, Giovani Lo Celso w'imyaka 24 inyuma y'aho iyo mirwi inaniranye kwumvikana ku mahera. (Sky Sports)