Kenya 2022: Kuki guharura amajwi bitarahera?

Yatangajwe

Gushika ubu abanya-Kenya ntibaremanya uwugiye kuzoba umukuru w'igihugu wabo mushasha inyuma y'iminsi hafi itatu kuva batoye.

Umukuru w'umugwi ujejwe amatora Wafula Chebukati yasavye abanyagihugu kwihangana no kutaterwa umutima uhagaze n'ubudasa bw'ibiva mu matora bishikirizwa n'ibinyamakuru bitandukanye.

Kimwe kimwe muri ivyo binyamakuru gikora ibiharuro vyaco n'iminwe gifatiye ku biva mu biro 46.000 vy'amatora.

Ariko umugwi w'igihugu ujejwe amatora niwo wonyene uzotangaza uwatsinze.

Gushika ubu ibinyamakuru vyerekana ko babiri baza imbere mu majwi -Raila Odinga na William Ruto - begeranye cane mu majwi.

Umukuru w'umugwi w'igihugu ujejwe amatora (IEBC), Chebukati ati:

"Nta mutima uhagaze mukwiye guterwa n'ubudasa mubona ku mboneshakure z'ibinyamakuru.

"Ivyo zerekana biva hamwe [ku rubuga rw'umugwi], gusa buri kinyamakuru kibikora ukwaco".

Yavuze ko ibiharuro vyose bimaze guteranywa ibizovamwo bizoba bisa.

Kuki biteba gutyo?

Kimwe kimwe mu binyamakuru giteranya ibiharo ku muvuduko utandukanye n'uwo ikindi kandi kigahitamwo ibiro vy'amatora mu rutonde rutandukanye.

Kuri IEBC, uretse guteranya ibivuye mu matora, abo muri uwo mugwi bategerezwa guhinyuza kimwe kimwe - ikindi gikorwa gitwara umwanya cane.

Abajejwe amatora ubu bariko baragereranya ivyo umugwi waronse mu buryo bw'amafoto bivuye mu biro vy'amatora n'urupapuro nyene izina rw'ivyavuye mu matora rushikirizwa imbona nkubone ikigo c'igihugu kijejwe gushira hamwe ivyavuye mu matora ku murwa mukuru Nairobi.

Aho n'ukugira basuzume ko ivyarungitswe muri ubwo buryo bubiri bihura ari nayo mpamvu nyamukuru ibintu biteba cane.

N'ingendo ao kuva mu bice bimwe bimwe vy'igihugu uja ku murwa mukuru Nairobi nazo zishobora kuba zaratebeje ibintu.

Abanya-Kenya bavyifashemwo gute?

Hari abo biteye umutima uhagaze mu gihugu kuko amatati y'amatora muri kahise yatumye haba intureka irimwo b'ubwicanyi canke gufuta ivyavuye mu matora.

Inyuma y'amatora yo mu 2007, abantu nibura 1.200 barishwe abarenga 600.000 barahunga ingo zabo kubera abavuze ko amatora yibwe.

Mu 2017, sentare ntahinyuzwa yarafuse ivyavuye mu matora aca arasubirwamwo biturutse ku mvo z'ibikoresho.

Ubub rero abajejwe amatora bari ku gitutu c'uko atacosubira kwononekara.

None ivyavuye mu matora bizomenyekana ryari?

Ku murindi uguharura biriko biragendako, ibinyamakuru vyo muri Kenya bishobora guheza guteranya ivy'imfatakibanza imbere y'uko umunsi uhera kuri uyu wa kane.

Habonetse uwo bigaragara ko yatahukanye intsinzi, ukwigina intsinzi birashobora guca bitangura ubwo nyene.

Ariko umugwi ujejwe amatora wonyene niwo ushobora gushikiriza uwatsinze umaze guhinyuza ivyavuye mu matora.

Umugwi ujejwe amatora ufise iminsi indwi kugira ushikirize ivyayaavuyemwo uhereye ku munsi yabereyeko.

Kugira umuntu atsinde amatora y'umukuru w'igihugu ategerezwa kuronka:

  • amajwi angana n'ica kabiri c'abatoye mu gihugu
  • nibura 25% y'amajwi y'abatoye mu ntara (counties) zitari munsi ya 24

Bitagenze uko haca haba amatora agira kabiri, ategerezwa kuba itariki 8 z'ukwezi kw'icenda nk'uko amategeko abivuga.