Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare ca Somalia casubiye mu turere twahora mu minwe y'inteko z'ubumwe bwa Afrika
Igisirikare ca Somalia ubu nico kijejwe ibikorwa vyo gucungera umutekano mu turere dutanu kuri dutandatu twari ducungerewe n’inteko z’ubumwe bwa Afrika (AU/UA).
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Somalia, yavuze ko yashimwe "utwigoro" ubumwe bwa Afrika hamwe n’ibihugu vyarungitse abasirikare mu butumwa - Burundi, Djibouti, Ethiopia, Kenya na Uganda - vyagize muriyo myaka ishize.
Iryo tangazo ryasohotse inyuma y’integuro yo gutahukana inteko ibihumbi bibiri z’ubumwe bwa Afrika , zategerezwa kuba zatashe itariki 30 z’ukwa gatandatu.
Vyinshi mu birindiro vya gisirikare vyasubijwe biri mu karere ka Shabelle y’epfo kandi vyahora biri mu minwe y’inteko z’igisirikare c’u Burundi ziri mu butumwa.
Izindi nteko za gisirikare ibihumbi bitatu z’ubumwe bwa Afrika zitezwe gutahukanwa mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga (9) – mu gihe inteko zose zitegerezwa gutahukanwa ziva muri Somalia mu ntango z’umwaka wa 2024.
Ubumwe bwa Afrika bwamye bufasha leta ya Somalia itari bwakomere, kurwanya abarwanyi b’umurwi wa Al-Shabab kuva mu mwaka wa 2007.