Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: M23 yemeye kurekura ibirindiro vya Kibumba
Umuhari M23 w’inyeshamba zo muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo wemeye kurekura igisagara ca Kibumba, nk’uko biri mw’itangazo waraye usohoye rikaba ryagiye ahabona kuri uno wa gatanu.
Ni ingingo ifashwe inyuma y’imibonano hagati y’uyu muhari n’abaserukira ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko (EACRF) be n’abaserukira umurwi w’ingabo zishinzwe kugenzura imipaka (Mécanisme Ad hoc de Vérification) washinzwe n’inama mpuzamakungu ku karere k’ibiyaga binini, CIRGL/ICGLR, ku magenekerezo ya 12 na 22 Kigarama (12) uno mwaka.
Iri tangazo rivuga riti: “N’aho ibirindiro vyacu biguma biterwa, be n’ubwicanyi bukorerwa abantu bacu, bugakorwa n’urunani rwa reta, M23 irashigikiye utwigoro tw’akarere, ikaba yemeye kurekura ibirindiro vyayo vya Kibumba bikaja mu minwe ya EACRF”.
Kibumba iri ku birometero 25 mu buraruko bwa Goma, kikaba ari co kirindiro cari cegereye igisagara ca Goma. Yari yafashwe inyuma y’intambara zabaye hagati mu kwezi kwa Munyonyo (11).
M23 yatumyeko abanyamakuru mu masaha ari imbere kuri uno wa gatanu kugira ngo birabire ingene ishikiriza iki gisagara.
Mw’iryo tangazo, umuhari M23 ukengurukira abategetsi b’akarere ku twigoro twabo two kurondera inyishu iciye mu mahoro ku ndyane ziri mu buseruko bw’ico gihugu.
Umenyesha ko ufashe iyo ngingo “y’ubugwaneza” mu ntumbero yo gukurikiza ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vy'akarere yabaye ku wa 23 Munyonyo uno mwaka ku mugwa mukuru wa Angola, Luanda.
Abakuru b’ibihugu vy’akarere bategetse umuhari M23 guhagarika intambara no kuva mu turere wari wigaruriye, nk’imwe mu ngingo zikomeye zafashwe muri iyo nama yabo.
Mu gihe Urwanda rubandanya rwagirizwa gufasha uyu muhari mu kuwuha ibirwanisho n’abantu narwo rukabandanya ruvyiyamiriza rwivuye inyuma, abo bakuru b’ibihugu barerekanye impungenge ku kungene M23 ibandanya ironka ibirwanisho bihanitse n’ubundi buryo buyituma ikora ibitero ku ngabo za Congo.
Aba bakuru b’ibihugu vy’akarere bari bakoraniye muri iyo nama ya Luanda muri Angola, bemeje ko mu gihe M23 itokurikiza ivyo bayitegeka bazoca basaba ingabo z’akarere ko zikoresha inguvu.
Kibumba ni kamwe mu turere dusanzwe tugenzurwa na M23 mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Inyuma yo kwigarurira igisagara ca Bunagana ku rubibe na Uganda muri Ruheshi(6) iturutse mu birindiro vya Tchanzu na Runyoni hafi y'ikirunga ca Sabyinyo, ahazwi nk'ivyahoze ari ibirindiro vyayo bikuru vya kera, M23 yagiye yigarurira uturere tutari duke mu ntambara yakurikiye hagati y’abarwanyi bayo n’ingabo za Congo.
Ubu, igenzura igice kinini ca teritwari ya Rutshuru n’ibice vy’iya Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Mu ntango z’uku kwezi, umuvugizi wayo yasohoye itangazo ryamenyesha ko wari witeguye “guhagarika ibikorwa no gusubira inyuma” nk’uko bisabwa n’aba bakuru b’ibihigu vy’akarere.
Mu gihe itangaje ko igiye kuva i Kibumba, M23 ntivuga igihe utu tundi turere yigaruriye tuzosubizwa.