Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jose Eduaro dos Santos yaryamiye ukuboko kw'abagabo
Leta ya Angola yatangaje urupfu rw'uwahoze arongoye ico gihugu, Jose Eduardo dos Santos.
Yarafise imyaka 79 kandi yari mu bitaro muri Espagne kuva mu kwezi guheze nyuma yo gufatwa n'umutima.
Yarwanye urugamba rwo kurondera ukwikukira kuri Portugal ari mu mugwi w'inyeshamba wa MPLA.
Nyuma y'urwo rugamba, Bwana dos Santos yaciye atwara igihugu ca Angola imyaka ishika hafi mirongo ine.
Nyuma yo kuva ku butegetsi mu 2017, izina ryiwe ryarambitswe iceyi n'ivyagiriji vya ruswa yimonogoje mu gihe c'uburongozi bwiwe.
Umuhungu wiwe yaratawe muri yombi nayo umutungo w'umukobwa wiwe, Isabel, urafatirwa.
Uwo mukobwa w'umuhisi Jose Eduardo dos Santos, vyaravuzwe yuko ari we mugore akize kurusha abandi bose muri Afrika.