'Hagahera imisi itatu batarasubiza ivyo bibanza turasiganwa' - Prezida Ndayishimiye aragabisha indongozi

Yatangajwe

Mu kiganiro yatanze avuye mu rugendo rwamushikanye mu Burusiya, mu Bushinwa no ku cicaro c'Ububumwe bwa Aafrika, UA, i Addis Abeba muri Ethiopia, prezida w'uburundi Evariste Ndayishimiye yategetse ko ibibanza vyo mu masoko ya reta bija mu minwe y'abadandaza gusa.

Prezida Ndayishimiye yagize ati:"Umudandaza wese ahantu yadandariza, ubu habaye iwe. Ntibasubire kuvuga amajambo menshi.

"Ubu namenye ko kirya kibanza ari gwiwe, bace bamwandika na karangamuntu yiwe, bamenye ko ari we bafitaniye amasezerano n'uburongozi bw'igihugu. Nta masezerano bafitaniye n'umuntu yagiye kwiba ivyo igihugu."

Mu ndwi iheze ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi vya reta, OBR, caradugije ku rugero rutari bwigere ruboneka ibiciro vy'ibibanza mu masoko ya reta, aho nk'icahora kirihwa 14.000 vy'amafaranga y'amarundi cadugijwe gushika ku bihumbi 450.000.

Ivyo vyatumye abadandariza mu masoko ya reta bahagarika akazi kuri uyu wa mbere itariki 31 y'ukwezi kw'indwi mu 2023, mu kwiyamiriza iyo ngingo.

Reta, ibicishije mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano yaremanze ko abo banyagihugu batarira busema.

Isaba inzego zibijejwe gusubiramwo ibiharuro bijanye n’ayo mafaranga kandi hahagarikwe n’ubusuma bwari bumaze imyaka bukorwa mu masoko mu gihugu cose, kandi bukorwa na bamwe bamwe mu bategetsi nyene.

Martin Niteretse arongoye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu yagize ati:"Turiko turagira umwihwezo twasanze ibiharuro bobisubiramwo neza […] kugira barabe igishoboka kugira urudandazwa rugende neza ata mwidogo".

Ibindi bintu vya nkenerwa vyaradugijwe ibiciro

Mu vyadugijwe igiciro ku buryo burenze urugero harimwo igitoro congeweko amafaranga 700 kw'ilitiro.

Amatike yo kwiyunguruza na yo nyene yaciye aduga.

Kuri uyu wa kabiri, abanyagihugu basanganiwe n'itangazo ry'ishirahamwe rihingura inzoga mu Burundi, Brarudi, rimenyesha ko ryadugije ibiciro vy'inzoga.

Brarudi ivuga ko "ihinduka ry'ibiciro ryatewe n'ukwiyongera kw'ibiciro kw'ibintu bikenerwa mu gukora inzoga."

Inzoga zose zadugijwe ku bice vyababa 30 kw'ijana.

Mu bindi bintu vya nkenerwa cane biheruka kuduzwa ibiciro harimwo isukari n'isima. Vyose vyaduze ku bice biri hagati ya 30 na 40 kw'ijana.

Aho ni mu gihe uretse abasirikare n'abapoli, ata bakozi ba reta baherutse kwongezwa umushahara.

Mu ntumbero yo kuronka amahera reta itegerezwa gukoresha muri uyu mwaka, umushikiranganji w'ikigega ca reta yasiguye ko hagiye kwongerezwa amakori n'amatagisi ku bintu vyinshi.