Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Umukenguzamateka wa US yabonanye na Ruto na Raila, 'nta kijanye n'amatora cavuzwe'
Umukenguzamateka wa Amerika yabonanye na William Ruto aherutse gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu muri Kenya, yongera abonana na Raila Odinga yanse ivyavuye mu matora.
Ibiro vy’uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Kenya vyanditse kuri twitter ko Chris Coons na William Ruto bavuganye "ugufashanya kw’imikenyuro hagati ya Amerika na Kenya, guteza imbere amahoro n’umutekano mu karere, n’inzira zo gukomeza ubutunzi [bw’ivyo bihugu vyompi]”.
Nk’icegera c’umukuru w’igihugu, William Ruto aracafise ivyo arangura, ariko muri tweet y’ubuserukizi bwa Amerika, nta cavuwe ku ntsinzi ya Ruto canke ku mpari ziyerekeye.
Ubuserukizi bwa Amerika muri Kenya gushika ubu ntiburakeza icegera c’umukuru w’igihugu ku ntsinzi yiwe mu matora.
Ariko inyuma y'aho umugwi ujejwe amatora muri Kenya utangarije ku wa mbere ko Ruto yatsinze amatora, ubuserukizi bwa Amerika muri Kenya bwarakiriye ko yatangajwe ko ariwe yatsinze amatora hanyuma bukeza umugwi ujejwe amatora n’abanya-Kenya ku matora yabaye mu mahoro no mu nteguro nziza.
Umukenguzamateka Coons yabonanye kandi na Raila Odinga kugira bavugane ”imico myiza ya demokrasi bahuriyeko” nk’uko biri kuri twtter y’ubuserukizi bwa Amerika.
N’aho nyene nta na hamwe havugwa ko ibijanye n’amatora boba babivuganye.
Uwo mukenguzamateka yabonanye kandi n’umukuru w’igihugu, Uhuru Kenyatta, aho bivugwa ko kwari "ukumuramutsa”.