Bagiye gutabara nabo bavayo batabawe

Yatangajwe

Abaporisi batanu ba Uganda bakorera mu mazi bari bagiye mu butumwa bwo kurondera ibiziga vy’abantu baguye mu mpanuka mu kiyaga Victoria ku ndwi iheze baratabawe ku wamungu inyuma y’aho ubwato bajanye gutabara nabwo buzamye, nk’uko igiporisi kivuga.

Nibura abantu 20 barapfuye mu mpanuka yo ku wa kabiri uheze y’ubwato bwari bwuzuye cane vyibazwa ko bwarimwo abantu 34. Abantu 9 baratabawe abandi ntibabonwa irengero.

Ku wa gatandatu, igiporisi cavuze ko catoye ibiziga vy’abantu batanu gusa, bose b’abagore.

Bavuze ko ‘’bahuye n’ibihe bitoroshe mu kiyaga hamwe n’imvura nyinshi’’.

Igiporisi cavuze ko isanganya ryo ku wagatandatu ‘’ryerekana ingene ikiyaga ari mahindagu n’ingene abakozi bacu bahanga n’ibihe bigoye cane iyo bari mu mirimo yabo yo kurokora ubuzima’’.

Kivuga ko amatohoza kuri iryo sanganya abandanya kandi ibizoyavamwo bizomenyeshwa niyo vyaboneka.

Hagati aho igikorwa co kurondera ibiziga vy’abaguye mu kiyaga kirabandanya, nk’uko igiporisi kivuga.

Impanuka zo mu kiyaga zirakunda gushika muri Uganda.