Museveni n'umuhungu wiwe Muhoozi bitwariwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC

Yatangajwe

Hagati muri uku kwezi, Bruce Afran, umushingwamanza aba i Princeton, New Jersey muri Reta zunze Ubumbwe za Amerika yaratanze ibirego bishasha muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, vyagiriza prezida wa Uganda n'umuhungu wiwe Muhoozi gusinzikariza ubuzima abatavuga rumwe na we.

Uwo mushingwamanza asaba iyo sentare kugira amatohoza ku bivugwa ko abajejewe umutekano muri Uganda, harimwo umukuru w'ingabo z'ico gihugu (UPDF), prezida w'ico gihugu Yoweri Museveni hamwe n'umuhungu wiwe Gen Muhoozi Kainerugaba basinzikarije ubuzima abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu bibanza vyinshi vy'ibanga.

Abantu bose hamwe 26 bari kuri urwo rutonde rwatanzwe muri ICC, I La Hague muri Hollande.

Hari inkuru zivuga ko hari urutonde rw'abantu barenga 200 bavuga ko basinzikarijwe ubuzima muri ubwo buryo.

Afran yabwiye ikinyamakuru Monitor akoresheje telefone ari muri Amerika ko mu gihe ICC yokwemera ibirego vyiwe, abandi bapolisi n'abasirikare ba Uganda bashobora na bo nyene kwisanga bagejejwe imbere y'ubutungane bagirizwa ivyaha nk'ivyo.

Ku musi wa gatanu, umucamanza mukuru Kiryowa Kiwanuka yabwiye Monitor ko n'aho reta itarahabwa urwandiko rw'ivyo birego, ingingo yo kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha ngo ntiyari ngombwa.

Agira ati:"ICC mu bisanzwe ni sentare ya nyuma ica imanza zivuye mu bihugu biyigize mu gihe zitaracibwa canke mu gihe ivyo bihugu bidashobora guca izo manza."

Kiwanuka avuga"sindabona ico kirego kandi sinzi n'ibirimwo, ariko mfatiye kuvyo nabonye ku mbuga hwaniro... hari umushingwamanza w'umugore wo muri Amerika ariko arahimiriza ICC ngo igire amatohoza ku midurumbanyo yabaye mu gihe c'amatora ya 2021, ariko iyi ni politike kuko ibi vyabaye mu myaka itatu iheze.

"Amatohoza yaramaze gukorwa muri Uganda, haraba kuburanishwa, abantu ku giti cabo baritwariwe mbere baranacirirwa urubanza."