Ntibiradadanuka muri CNL: Insiguro zitandukanye hagati ya Rwasa n'indongozi yahagaritse

Ntibiradadanuka muri CNL: Insiguro zitandukanye hagati ya Rwasa n'indongozi yahagaritse
Yatangajwe

Umuyobozi w’umugambwe utavuga rumwe na leta y’u Burundi, CNL, yasubiye gushimangira yuko icemezo yafashe co guhagarika abanyamugambwe barenga 10 mu bibanza vyabo, agifitiye ububasha kandi ko kubagarukana mu mugambwe bizogenwa n'abanyamugambwe.

Agathon Rwasa ashinja abo yahagaritse, barimwo n'uwari umuvugizi wa CNL, kudakurikiza amabwirizwa y’umugambwe n'ayandi makosa yita ko ahambaye, ariko ntayo avuga.

Prudent Nsengiyumva yavuganye nawe, atangura amubaza icatumye afata ico cemezo (umva ico kiganiro aho hejuru).

Indongozi zahagaritswe na Agathon Rwasa zivuga ko atisunze amategeko ya CNL

Nyuma yo kuvugana na Agathon Rwasa, twarondeye umwe mu bahagaritswe, Terence Manirambona, yahoze ari umuvugizi w'umugambwe akaba no muri komite nyobozi ya CNL.

Prudent Nsengyiyumva yatanguye amubaza ico avuga ku cemezo ca Bwana Rwasa (umva ico kiganiro aho hejuru).