Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Muri Amerika habonetse umuntu yanduye ingwara yo kuribwa n'inyo
- Umwanditsi, Nardine Saad
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Umuntu wa mbere yahuye n'ubwandu bw'inyo zinjira umubiri w'umuntu akiri muzima bwagaragaye muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, nk'uko abategetsi babivuga.
Inyo zituruka ku gakoko ko mu bwoko bw'insazi kazwi nka New World screwworm-NWS (Cochliomyia hominivorax) zigaragara zivyimvye imbere mu ruhu (ivyo bita myiasis) rw'umurwayi yafashwe n'iyo ngwara yagiye muri Leta zunze Ubumwe za Amerika aturutse muri El Salvador. Ivyo vyemejwe n'igisata kijejwe amagara y'abantu ku munsi wa mbere w'iyi ndwi.
Uwo mugwayi yabonetse kuwa 04 Myandagarao uyu mwaka wa 2025.
NWS ni ubwandu buterwa n'urunyo ruva ku gakoko kaguruka gateye bwa nsazi.
Ubwo bwandu bukomoka ku bitungwa, kandi abategetsi bavuga ko impungenge z'uko abantu bokwandura ziri ku rugero ruto cane.
Ibiro bijejwe kugenzura no kwirinda indwara (CDC) vyakoranye n'igisata c'amagara y'abantu co muri leta ya Maryland kugira ngo bitohoze ico kibazo.
Umuvugizi w'igisata c'amagara y'abantu HHS, Andrew Nixon, yavuze ko umuntu wa mbere arwaye indwara ya NWS myiasis yari ingenzi, yari ivuye mu gihugu cashikiwe n'ico kiza, kimaze kumenyekana muri Amerika.
Utwo dukoko tumeze nk'akaranda twigaburira inyama zo mu mubiri w'umuntu canke igitungwa bikiri bizima, dukunze kuboneka muri Amerika y'Epfo canke mu mazinga ya Caraibes.
Naho hari utwigoro two guhagarika ukwiragira kwayo mu buraruko, ubu abantu baramenyekanye ko barwaye iyo ndwara mu bihugu nka vyose vyo muri Amerika yo hagati - ndetse no muri Leta zunze Ubumwe za Amerika na Mexique.
Abantu cane cane abafise igikomere cuguruye (kidafutse), barashobora gufatwa n'iyo ndwara, iyo bagiye mu ntara canke iyo bari hafi y'ibintungwa mu bice vyo mu gihugu hagati aho izo nsazi ziri, nk'uko CDC ibimenyesha.
Igisata kijejwe kugenzura ubuzima bw'ibitungwa n'ibitegwa USDA kivuga ko cafatanije n'ibindi bigo vy'uburimyi, igisata ca leta hamwe n'ikigo c'ibifungurwa n'uburimyi co mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya, kugira ngo bifashe mu guhangana n'ico kiza.
"Izo nyo za NWS zirimba uruhu zikinjira umubiri w'igitungwa kizima, zikarya inyama zaco, bigatera ingorane zikomeye zirimwo no gupfa.
Zishobora gutera mu bitungwa canke ibikoko vyo mw'ishamba, harimwo inyoni, mu bihe bidasanzwe zishobora no gutandukira mu mubiri w'abantu.
Ikigo ca Letza zunze Ubumqwe za Amerika kijejwe uburimyi -USDA camenyesheje mu ntango z'uku kwezi ko ico kiza gishobora guteza ubuhombe bugera kuri miliyaridi ijana z'ama dollars ( $100 bn) biciye mu kubangamira ibitungwa.