Darya Dugina: Ukraine ivuga kuba Moscou iyagiriza urupfu rwiwe ari nko kurota

Yatangajwe

Abategetsi ba Ukraine basuzuguye cane ikirego c’uko inzego zidasanzwe zayo  ari zo ziri inyuma y’iyicwa rya Darya Dugina, umukobwa w’umuntu acuditse na prezida w’Uburusiya, Vladmir Putin.

Uwo mumenyeshamakuru yishwe n’igisasu caturikije imodoka yari arimwo ku wa gatnadatu hafi y’umurwa mukuru Moscou.

Umunyamabanga w’ianama ya Ukraine ijejwe umutekano no kwivuna abansi  Oleksiy Danilov yavuze ati: “Ntidukora gutyo”.

Imisa yo gusabira Madame Dugina yabaye kuri uyu wa kabiri i Moscou.

Se wa Darya, Alexander Dugin, w’ivyiyumviro bikurikkirwa cane, ashobora kuba ari we yari agambiriwe.

Ivyiyumviro vyiwe vyo kwagura Uburusiya Bushasha canke "Novorossiya" kuri Ukraine bivugwa ko biri mu vyatumye Vladimir Putin yigarurira Crimea mu 2014.

Prezida Putin yariyamirije ubwo bwicanyi aca atera iteka ry’inyuma y’urupfu  Madame Darya mu kumuha “Umudari w’Ishaka”.

Se wiwe yamuhayagije avuga ko yari “inyenyeri iriko iraseruka” . Yishwe rubi imbere yiwe n’abansi b’Uburusiya, nk’uko yavuze, aca abandanya asaba intsinzi kuri Ukraine.

I Kyiv , umunyamabanga w’inama y’umutekano no kwivuna abansi yavuze ko Ukraine ata na hamwe ihuriye n’ubwo bwicanyi. Ati: “Turafise ibindi bikorwa bihambaye  vyo gutuma abakobwa n’abahungu bacu…FSB niyo yakoze ivyo none iriko iravuga ko ari umwe muri twebwe yabikoze”, nk’uko yabibwiye television ya Ukraine.

Danilov  yanavuze ko Uburusiya bufise umugambi wo kugaba urukurikirane rw’ibitero imbere mu Burusiya mu ntumbero yo gukabura abarusiya ubu barambiwe no gushigikira intambara.

 

Urwego rw’Uburusiya rujejwe umutekano (FSB) rwavuze ko  rwamaze kumenya ingene ubwo bwicani bwagenze ruca rwagiriza Ukraine uruhara rutaziguye.

Ivyo rwavuze vyarasubiwemwo cane na television y’igihugu, abashikiriza ibiganiro bijanye n’amakuru bashigikiye ubutegetsi bwa Moscou nabo bakaba batatevye gusaba ko haba kwihora buno nyene.

Abarusiya basaba kwihora mu gihe Ukraine iriko iritegurira guhimbaza ku wa gatatu imyaka 31 iheze yikuikiye (ironse ubwigenge), bikazohurirana n’uko haheze amezi atandatu Uburusiya buteye ico gihugu.

Reta Zunze  Ubumwe za Amerika zagabishije ko Uburusiya buriko buritegurira gutera ibikorwa remezo bisanzwe (bitari ivya gisirikare)  muri Ukraine hamwe n’ibigo vya reta.  

Ubwoba bw’uko ibitero vy’Uburusiya bishobora kurushiriza vyatumye abategetsi ba Ukraine babuza ibirori mu gihe igisagara ca Kharkiv naco caciye gishinga amasaha y’umukwabu wo mw’ijoro utangura isaha 10 z’umuhingano mu masaha yo muri Ukraine (isaha indwi z’umutaga kw’isaha mpuzamakungu ya GMT).

Urwego rw’Uburusiya rujejwe umutekano (FSB) ubu ruvuga ko rwahejeje gutohoza rugasanga Ukraine ifise uruhara rutaziguye muri urwo rupfu.

FSB ivuga ko inzego zidasanzwe za Ukraine zatumye ico gikorwa umuntu yashitse mu Burusiya mu kwezi kw’indwi hagati, ari kumwe n’umwana wiwe w’umukobwa w’umuhererezi.

Ivuga ko uwo mugore yafashe inzu mu nyubakwa imwe ma madame Dugina kugira agendereze ibijanye n’ubuzima bwiwe.

Urwo rwego rujejwe umutekano ruvuga ko abo bakekwa bakoresha imodoka ya Mini Cooper yari ifise imparati zitatu zidasa.

Uwo akekwa yaciye ahungira muri Estonia  iryo turika rihejeje kuba, nk’uko FSB ivuga.

Madame Dugina na se bari mu giteramo hafi ya Moscou ku wa gatandatu ku mugoroba aho se, asanzwe ari umuhinga mu bumenyi  bwo kwiyumvira (philosophe), yariko aratanga icigwa.

Bivugwa ko ubwa mbere bari bateguye kugenda bajanye mu modoka imwe,  ariko barabihindura ku munota wa nyuma.Abatohoza bavuze ko hari igiturika cari cashizwe munsi ya Toyota Land Cruiser Madame Dugina yari gutwara, ari co cayiturikije ikaka umuriro ukica uwo mukobwa.