Ingabo za ONU zavuye Butembo - Buramatari

Yatangajwe

Ingabo za ONU/UN muri Republika ya Demokrasi ya Congo (MONUSCO) zavuye mu gisagara kiri mu buseruko, Butembo, inyuma y'imyiyerekano yahitanye abantu mu kwezi guheze binubira ko bananiwe guhagarika ubwicanyi bw'imigwi yitwaje ibigwanisho, nk'uko vyavuzwe n'umutegetsi w'ico gihugu.

Umukuru w'intara ya Nord Kivu, Gen Constant Kongba Ndima yagize ati:"Monusco yamaze kugenda. Kubera hari ibikoresho vyabo bisigaye mu gisagara, tugiye guhurira i Goma n'abajejwe igikorwa barimwo kugira turabe ingene twobirungika, co kimwe n'abakozi bake basigaye i Butembo."

Yavuze ko ingendo z'abakozi ba Monusco hamwe n'ibikoresho vyabo bishobora gucungerwa n'inzego zijejwe umutekano za Congo.

Umuvugizi wa Monusco, Ndeye Khady Lo yavuze ko "urwo rwego rwatanguye igikorwa co gukwiragiza abakozi barwo vy'imfatakibanza mu turere two mu micungararo ya Butembo ... inyuma y'ibiganiro vyabahuje n'abategetsi b'ako karere n'abo ku rwego rw'igihugu".

Imyiyerekano yo kwiyamiriza Monusco yarabereye muri Nord Kivu mu mpera z'ukwezi kw'indwi. Abari muri yo basaba ko izo ngabo zokura meza muri ico gihugu.

Reta ya Congo yavuze ko abantu 36 ari bo bishwe abandi 170 barakomerekera muri iyo myiyerekano.