'Igihugu c'Uburundi carikukiye, nta gihugu canke ishirahamwe bizoza kutugaba ngaha iwacu' - Perezida Ndayishimiye

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Mu gihe hariko harahimbazwa imyaka 63 irangiye Uburundi buronse intahe yo kwikukira, perezida Evariste Ndayishimiye yanebaguye abarundi bakija guhigira umuti w'ibibazo bafise mu mahanga.

Yagize ati:"Umurundi wese agize ikibazo mu gihugu akija kuronderera umuti hanze, uwo murundi ntaramenya ico ari co kwikukira.

"Twama tubabona. Bamwe n'ubu batarikukira bazi ko batwarirwa mu mahanga. Rero nagira mpanure abo Barundi. Muve i buzimu muje i buntu."

Abo mbere yabagereranije n'abanywanyi b'umugambwe PDC (Mu gihe co guharanira intahe yo kwikukira mu 1962, uwo mugambwe wiyamamaje usaba ko abazungu boba barabandanya gutwara Uburundi).

Adaciye hirya no hino, perezida Ndayishimiye yadomye urutoke ku batsinzwe mu matora aheruka y'abashingamateka n'abahanuzi b'amakomine ngo baciye baja kwitura ishirahamwe mpuzamakungu Onu n'Ubumwe bwa Afrika ngo babatabare.

"None Onu izobatora? Abo berekana ko bagifise wa mutima w'aba PDC." uko ni ko yavuze.

Mu mpera z'indwi iheze, abanye poritike batavuga rumwe na reta bahunze Uburundi bahurikiye mu migwi itatu, ariyo Cfor Arusha(La Coalition des Forces de l'Opposition Burundaise pour le Rétablissement de l'Accord d'Arusha) CN ingeri ya rugamba (Coalition pour la Renaissance de la Nation) na Map Burundi buhire (mouvement d'action patriotique) bemeje ko bagiye gufata umuheto kubera ubusuma bw'ikivunga bwabaye mu matora aheruka.

Udushimwe ku ngabo zarungitswe muri RDC

Mu buryo butandukanye n'uko vyari bimenyerewe aho hahora haba igiitigiri kinini c'abantu baronswa udushimwe, uyu musi umukuru w'igihugu yatanze udushimwe ku bantu bane gusa, bagizwe n'abasirikare n'umupolisi umwe.

Abasirikare batatu bagizwe na Captaine Habarugira Aimable, Lieutenant Ndayisaba Richard hamwe na Caporal Chef Ninganza Richard hamwe na Lieutnant Colonel de Police Mugisha Audace.

Abo basirikare bashimiwe ku ruhara bagize mu ntambara iriko irabera mu gihugu kibanyi ca Republika ya Demokrasi ya Congo, aho Uburundi bwarungitseyo abasirikare boba bashika ku bihumbi cumi.

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko abo basirikare bahabereye abagabo.

Agira ati:"Aba barahagarariye igihugu, baraha agateka urwego rwo kwivuna abansi.

"Twarabatumye kugira ngo bakinge umwansi ataradushikira. Murazi ko umwansi yagira yinjirire ng'aho i Congo. Baragiye baritanga bimwe bikomeye ata n'umwe yobihakana, n'aho bari kumwe n'abandi.

"Aba baritanze kurusha abandi ku buryo uno musi nitwaba dufise amahoro ni uko bafise abo batinya."

Yabandanije agira ati:"Turazi ko ingabo twatumye zakoze. Nitwaba turi mu mahoro, nitwaba uno musi twatunganije amatora neza, nitwaba uno musi tumerewe neza, mumenye ko ingabo twarungitse harya hakurya zadukingiye."

Lieutnant Colonel de Police Mugisha Audace na we yarwanije 'fraude' y'ikawa n'amabuye y'agaciro vyava muri komine Kabarore bija mu gihugu kibanyi c'Urwanda.

Ikibuga citiriwe Intwari

Ikibuga Intwari cahinduwe izina cahoze citwa "Stade Prince Louis Rwagasore'.

Ni na ho uwo muganwa Rudoviko Rwagasore yashikiririje ijambo ryo kwikukira mu 1962.

Cari kimaze imisi ata bikorwa bihabera kubera cariko kirasubirwamwo.

Perezida Ndayishimiye yavuze ko kuba ico kibuga cubatswe n'abarundi ari ikimenyetso co kwikukira nyakuuri.

Perezida Ndayishimiye yagize ati:"Twahora tuja kuzera inze, tugatira canke tukariha ibibuga mu bindi bihugu, ariko ubu raba turafise ikibuga cacu.

"Ntushobora kuvuga ko wikukiye kandi uguma uvumba, usega."

Yongeyeko "amahera yubatse iki kibuga twayatse abari barivye."

N'aho atavuze umusi, prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ico kibuga kigiye kwinjirwa mu misi iza kandi ko na Fifa iherutse kwemeza ko gikwije ivya ngombwa.