Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jenoside - Rwanda: Mu rubanza rwa Twahirwa na Basabose herekanywe ireresi itavuzweko rumwe
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli
- Yatangajwe
Ku wa 06 Munyonyo (11), urubanza rw'Abanyarwanda babiri Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994 mu Rwanda rwabandanije i Buruseli mu Bubiligi inyuma y'indwi sentare iri mu karuhuko.
Kuri uwo musi ugira 15 w'uru rubanza, sentare yumvirije ivyabona bine bigizwe n'abagore babiri b'Abanyarwandakazi baba mu Bubiligi, umwigisha wa kaminuza w'Umubiligi Filip Reyntjens hamwe n'ireresi ku vyabaye mu 1994.
Sentare yatanguye urubanza yerekana iyi reresi (documentaire mu gifaransa) yiswe "The Dead Are Alive" mu congereza, ku vyabaye mu Rwanda mu 1994. Umunyamakuru Els De Temmerman ni umwe mu bayikoze.
Iyo reresi ibonekamwo ibiziga vyinshi n'ubwicanyi bwo 1994 mu Rwanda.
Yerekana uko ingabo za ONU zari mu butumwa bw'amahoro zatereranye Abatutsi bariko baricwa zihitamwo gutaha ha gutabara.
Muri iyo reresi uwo mumenyeshamakuru aragaruka ku kuntu impunzi z'Abahutu baganiriye yazibajije impamvu hahunga Abahutu gusa baja mu cahoze ari Zaïre, uno munsi ikaba ari Republika ya Demokarasi ya Congo, bakamubwira bati: "Abatutsi twarabishe, batwiciye Perezida".
Muri iyo reresi harerekanwa n'uko ingabo z'Abafaransa zasaba indangamuntu abahungira mu cahoze ari Zaïre.
Iyo reresi yerekana kandi ko abaroberi ba FPR-Inkotanyi barokora Abatutsi bari banyegeye.
Iyo reresi iragaruka ku kiza ca cholera cateye mu makambi ya Zaïre, kigahitana abatari bake biganjemwo Abahutu bari bayahungiyemwo.
Uwo mumenyeshamakuru yemeje ko mu makambi yo muri Zaïre, Interahamwe zabandanije zihiga Abatutsi.
Umukuru wa sentare yabajije Twahirwa ati: "Uravye aya masanamu hari ico akubwiye?"
Na we yishuye ati: "Birababaje kubona amashusho nk'aya abantu bapfa kuriya, kandi turi abavandimwe. Sinzi ukuntu ibintu nk'ibi vyaje".
Ariko Jean Flamme arongoye abunganira abaregwa, we akaba aburanira Basabose, yagize ati: "Ibi bintu ni ibinyoma, ndavuga ivyo kuvuga ko ubu bwicanyi bwateguwe".
Asigura ati: "Madame Temmerman yakoze iyi reresi, ntiyigeze ava i Nairobi muri Kenya. Yarungitse uwufata amasanamu mu Rwanda. Ni we yagiye gufata amashusho gusa, uyundi avuga ivyo atabonye.
"Ni gute woraba amashusho uri mw'i hoteli i Nairobi ukabona abantu bapfuye ukamenya ababishe?"
Jean Flamme avuga ko hari ivyabaye vy'ukuri, nk’ivyanditswe na Charles Onana, Umunya-Cameroun afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa, ariko vyateshejwe agaciro.
Yagize ati: "Birababaje ko sentare yanse ko Charles Onana aza kunsurira [kuntangira ubuhamya mu Kinyarwanda] nk'icabona".
“Uyu Munya-Cameroun afise ubwenegihugu bw’Abafaransa azi vyinshi ku vyabaye mu Rwanda binyuranye n’ivyo FPR igenda irashikiriza. Ibiriko biraboneka muri iyi reresi ni ijwi rya FPR, ntaco bikimaze”.
Yongerako ati: "Ivyo mvuga muzobibona mu nyandiko za TPIR [Sentare mpuzamakungu yari yashiriweho Urwanda] zishinguwe, aho abacamanza benshi bemeje ko ata jenoside yateguwe.
“Iyi reresi ntakindi yerekana uretse kuba ijwi rya FPR kuko itagaragaza jenoside yakorewe Abahutu muri Zaïre, n'ukuntu amakambi yaterwamwo amabombe, Abahutu bagatikira muri Zaïre".
Avuga ko, iyo hataba ubutumwa bwo gutabara bwiswe Opération Turquoise, Abahutu baba baraheze.
Hakurikiye abagore babiri baba mu Bubiligi, bose bakaba ari Abanyarwandakazi, umwe afise imyaka 64 uwundi 48, bemeje ko Séraphin Twahirwa bamwiboneye afata iya mbere mu kumara Abatutsi kandi ko yari anarongoye Interahamwe zica ata kinya.
Babajijwe kuri Basabose bavuze ko bamwumva ico gihe nk’uwufasha Interahamwe, naho atagaragara cane kuko yari umugwizatunga.
Ariko bemeje ko Twahirwa na Basabose bari bazinanye, ivyo bikabonekera ku kuntu mu Bubiligi aho bahungiye kenshi bama bari kumwe mw'iduka Pierre Basabose yari yuguruye i Buruseli.
Sentare yasozereye imburano yumviriza Filip Reyntjens, umwigisha w'amakaminuza w'Umubiligi, akaba n'umwanditsi n'umuhinga w'akarere k'ibiyaga binini.
Uyu yumvirijwe nk'icabona c'ivyabaye, yamenyesheje ko ibivugwa mu bitabo kuri jenoside yo mu 1994 vyinshi ari 'propagande' ya FPR kandi ko hishwe Abahutu n'Abatutsi.
Abona ko ibivugwa bigamije kuzimanganya ivyakorewe Abahutu, kandi ko ubwicanyi ahubwo bwaturutse kuri FPR yateye u Rwanda.
Bitegekanijwe ko urubanza rubandanya kuri uno wa kabiri aho haza kwumvirizwa ibindi vyabona.
Nk’uko vyagenze kuva urubanza rugitangura, hitavye umwe mu baregwa, ari we Séraphin Twahirwa, kuko Pierre Basabose ataritaba kuva urubanza rugitangura kumvo abamuburanira bemeza ko ari iy'amagara.